Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 3:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Yesu aramwishura ati: “Wewe ko uri umwigisha yubashwe muri Isirayeli, bigenda gute ngo ntutahure ibi?

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Yesu aramwishura, ati Ni wewe mwigisha w’Abisirayeli, kandi ntutahura ivyo?

Gade chapit la Kopi




Yohana 3:10
28 Referans Kwoze  

Yesu arabishura ati: “Mwarazimiye kuko mudatahura ico Ivyanditswe vyera bivuga, ntimumenye n’ubushobozi bw’Imana.


Nimubihoze; ni impumyi zirongora izindi! Kandi iyo impumyi irongoye iyindi, zompi zigwa mu kinogo.”


Uwo mwanya Yesu aravuga ati: “Ndagushima Data, Mwami w’ijuru n’isi, kuko ivyo wabihishije abigira abanyabwenge n’abahinga, ukabihishurira abameze nk’abana bato.


Kuko, twebwe dusengera Imana muri Mpwemu, tukirata Kristo Yesu, kandi ntitwishimire ivy’umubiri, ni twebwe twakebwe vy’ukuri.


Ikigira umuntu Umuyuda w’ukuri si ugukomoka ku bavyeyi b’Abayuda gusa kandi ugukebwa nyakuri si ukwo ku mubiri.


Muri we mwarakebwe ugukebwa kutari ukwo mu buryo bw’umubiri. Ni ugukebwa mwakebwe na Kristo kwo kubambura akamere k’icaha.


Haheze imisi itatu, bamusanga mu rusengero yicaranye n’abigisha b’ivyagezwe, abumviriza yongera ababaza ibibazo.


Umusi umwe Yesu yariko arigisha, kandi bamwe mu Bafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe bari ngaho; bari baje bava mu bisagara bitandukanye vy’i Galilaya, i Yudaya n’i Yerusalemu; kandi ububasha bw’Umwami Imana bwo gukiza ingwara bwari kuri Yesu.


Nikodemu aramubaza ati: “None ivyo bishoboka bite?”


Ariko hari Umufarisayo yitwa Gamaliyeli, yari umwigisha w’ivyagezwe, kandi yubahwa cane n’abantu bose. Arahaguruka, asaba ko bataramura gato izo ntumwa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite