Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 21:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Wa mwigishwa Yesu yakunda abwira Petero ati: “Ni Umwami!” Simoni Petero yumvise ko ari Umwami, aca yambara impuzu yiwe yo hejuru (kuko yari yayikuye) asimbira mu mazi.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Wa mwigishwa Yesu yakunda abgira Petero, ati N’Umwami Yesu. Simoni Petero yumvise kw ar’ Umwami, akenyera impuzu, kuko yari gusa, araheza yikubita mu kiyaga.

Gade chapit la Kopi




Yohana 21:7
20 Referans Kwoze  

Umwe muri bo, uwo Yesu yakunda, yari yegamiye mu gikiriza ca Yesu bari ku meza.


Nuko ariruka aja kurondera Simoni Petero na wa mwigishwa wundi Yesu yakunda, arababwira ati: “Bakuye Umwami mu mva, kandi ntituzi iyo bamushize.”


Yesu abonye nyina ahagaze aho, na wa mwigishwa Yesu yakunda amwegereye, abwira nyina ati: “Muvyeyi, ng’uwo umwana wawe,”


Kuko urukundo rwa Kristo ruratugobera. Kandi kubera tuzi ko Kristo yapfiriye bose, twese twarapfuye kuri kamere muntu kacu ka kera.


Uwo mwigishwa ni we ashingira intahe ivyo kandi ni na we yavyanditse. Kandi turazi ko intahe yiwe ari iy’ukuri.


Nuko Petero arahindukira abona wa mwigishwa Yesu yakunda ariko arabakurikira. (Uwo ni umwe yari yegamiye mu gikiriza ca Yesu bariko barafungura akamubaza ati: “Mwami, ni nde agiye kukugurisha?”)


Murazi ijambo Imana yarungikiye Abisirayeli, ryavuga Inkuru Nziza y’amahoro abonerwa muri Yesu Kristo, ari we Mwami wa bose.


Nuko rero Abisirayeli nibamenye ukuri badakekeranya ko uwo Yesu, uwo mwebwe mwabamvye, Imana yamugize Umwami na Kristo.”


Nuko rero ndakubwire, yerekanye urukundo rwinshi kuko yahariwe ivyaha vyiwe vyinshi. Ariko uwahariwe bike, yerekana urukundo ruke.”


Uwu musi, umukiza yabavukiye mu gisagara ca Dawidi, ni we Kristo, Umwami.


Nihagira uwubabaza ati: ‘Ivyo mukora ni ibiki?’ Mumwishure muti: ‘Umwami arayikeneye’ kandi aca ayibasubiza adatevye.”


Bene Data, abizera Umwami wacu w’ubwiza Yesu Kristo, ntibarobanura ku butoni.


Umuntu wa mbere, ari we Adamu, yavuye mw’ivu, uwo hanyuma, ni we Kristo, yavuye mw’ijuru.


Toma aramubwira ati: “Mwami wanje, Mana yanje!”


Ahejeje kuvuga ivyo, abereka ibiganza n’urubavu vyiwe. Abigishwa baranezerwa cane babonye Umwami.


Mwame mukenyeye kandi amatara yanyu yame yaka,


Abandi bigishwa bagumye mu bwato bakwegera rwa rusenga rwuzuye ifi ku nkengera, kuko bari nko ku metero ijana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite