Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 21:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Simoni Petero arababwira ati: “Jewe ngiye kuroba.” Nabo baramubwira bati: “Turajana.” Nuko baragenda baja mu bwato, ariko ntibaroba ifi n’imwe iryo ijoro.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Simoni Petero arababgira, ati Ndagiye kuroba. Na bo bati Natwe turajana nawe. Barīkora, batambukira mu bgato. Mur’ iryo joro ntibāgira ico bafata.

Gade chapit la Kopi




Yohana 21:3
11 Referans Kwoze  

Simoni aramwishura ati: “Mwigisha, twakoze ijoro ryose turaruha, ariko ntitwaronka ifi n’imwe. Yamara ko ubivuze, reka nterere insenga.”


Nta nkeka, bene Data, ko mwibuka uburuhe n’ukubabazwa vyacu; ingene twakora ijoro n’umurango kugira ngo ntihagire umuntu n’umwe turemera igihe twariko tubabwira Ubutumwa Bwiza bw’Imana.


None rero, yaba uwabivye, yaba uwavomeye, bompi nta co bamaze. Imana yonyene ikuza ni yo ihambaye.


Canke ni jewe na Baranaba dutegerezwa gukora twenyene kugira ngo twitunge?


Namwe ubwanyu murazi ko nakoresheje amaboko yanje nkibeshaho nkongera nkabeshaho n’abo twagendana.


Kubera ko bari basangiye umwuga wo kujisha amahema, yaciye abana na bo, barakorana.


Kare mu gitondo, Yesu ahagarara ku nkengera y’ikiyaga, ariko ba bigishwa ntibashobora kumenya uwo ari we.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite