Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 21:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Simoni Petero, Toma (uwo batazira Ihasa), Natanayeli w’i Kana i Galilaya, abahungu ba Zebedayo, n’abandi bigishwa babiri bari kumwe.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Simoni Petero na Toma ari we Hasa bāri kumwe na Natanayeli w’i Kana i Galilaya, na bene Zebedayo, n’abandi bigishwa babiri.

Gade chapit la Kopi




Yohana 21:2
12 Referans Kwoze  

Yongera kuja i Kana mu ntara ya Galilaya, hamwe yahindura amazi umuvinyu. Aho hari umutware yakora i bwami yari afise umuhungu arwariye i Kaperinawumu.


Nuko Filipo asanga Natanayeli aho ari, amubwira ati: “Twabonye umwe Mose yavugako mu vyagezwe, n’abavugishwa n’Imana bakamwandikako. Ni Yesu w’i Nazareti, mwene Yosefu.”


Toma aramubwira ati: “Mwami wanje, Mana yanje!”


Toma (uwo batazira Ihasa) abwira abigishwa bagenziwe ati: “Reka tugende natwe dupfane na Yesu.”


Iki ni co gitangaza ca mbere Yesu yakoze, akaba yagikoreye i Kana mu ntara ya Galilaya. Uko ni ko Yesu yerekanye icubahiro ciwe, maze abigishwa biwe baramwizera.


Bagenziwe, ari bo Yakobo na Yohana bene Zebedayo, bakorana na Simoni. Yesu abwira Simoni ati: “Ntutinye, kuko uhereye ubu, ugiye kuba umurovyi w’abantu.”


hanyuma hakaza Filipo na Baruteremi; hagasubira Toma na Matayo umutozakori; Yakobo mwene Alufayo, na Tadeyo;


Yigiye imbere gato, abona Yakobo na Yohana bene Zebedayo bariko barabarira insenga zabo mu bwato.


Haciye imisi ibiri, haba ubukwe ahantu hitwa Kana i Galilaya, kandi nyina wa Yesu ni ho yari ari.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite