Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 21:18 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Ndakubwire ukuri, ukiri muto wariyambika ukaja aho ushaka; ariko niwasaza, uzogorora amaboko yawe, uwundi muntu akwambike akujane aho udashaka kuja.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 N’ukuri, n’ukuri ndakubgire: Ukir’ umusore, warikenyeza, ukaja ah’ ugomba; arikw ah’ uzosāzira, uzoramvura amaboko, uwundi agukenyeze, akujane ah’ utagomba.

Gade chapit la Kopi




Yohana 21:18
8 Referans Kwoze  

Simoni Petero aramubaza ati: “Mwami, ugiye kuja he?” Yesu aramwishura ati: “Ntushobora kunkurikira aho ngiye, ariko uzonkurikira hanyuma.”


Ashitse aho turi, afata umukanda wa Pawulo, awibohesha amaboko n’amaguru, avuga ati: “Mpwemu Yera avuze ati: ‘Uku ni ko Abayuda b’i Yerusalemu bazoboha nyene uwu mukanda, hanyuma bamurekurire mu maboko y’Abanyamahanga.’ ”


Tukiri muri uwu mubiri twambaye, turaboroga, tukaruha, ariko ntibisigura ko twipfuza gupfa ngo tuwuvemwo. Ariko ni kubera twipfuza kwambara imibiri yacu mishasha, kugira ngo iyi mibiri ipfa ihindurwe iyizobaho ibihe vyose.


Hahiriwe abo bakozi shebuja azosanga bagiteramye bamurindiriye. Ndababwije ukuri ko na we azokenyera akabicarika, hanyuma akabagaburira.


Yesu amubaza ubugira gatatu Yesu ati: “Simoni mwene Yohana, mbega urankunda?” Petero aca arababara kuko Yesu amubajije ubugira gatatu ati: “Mbega urankunda?” Aramwishura ati: “Mwami, wewe uzi vyose, urazi ko ndagukunda.” Yesu aramubwira ati: “Gaburira intama zanje.


Yesu yavuze ivyo ashaka kwerekana urupfu Petero azopfa ahesha Imana icubahiro. Aca abwira Petero ati: “Nkurikira!”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite