Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 21:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Yesu arababwira ati: “Nimuzane zimwe muri izo muhejeje kuroba.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Yesu arababgira, ati Ni muzane ifi ku zo muhejeje kuroba.

Gade chapit la Kopi




Yohana 21:10
6 Referans Kwoze  

“Hano hariho umuhungu afise imikate y’ingano itanu n’ifi zibiri. Ariko vyomara iki ku bantu bangana uku?”


Yesu afata ya mikate, ayishimira Imana, ayiha abari bicaye aho. Na za fi azigenza uko. Abantu bararya barikura.


Bururutse ubwato babona umuriro w’amakara wokejeko ifi, babona n’imikate.


Nuko Simoni Petero asubira mu bwato akwegera ku nkengera y’ikiyaga rwa rusenga rwuzuye ifi nininini, zishika ijana na mirongo itanu na zitatu. Ariko naho zari nyinshi, urusenga ntirwatabutse.


Nuko Yesu arabegera, abagaburira wa mukate, abaha n’ifi.


Bakizazaniwe kubera umunezero n’ugutangara kwinshi, arababaza ati: “Nta vyokurya mufise?”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite