Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 20:30 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

30 Hari n’ibindi bitangaza vyinshi Yesu yakoreye mu maso y’abigishwa biwe bitanditswe muri iki gitabu.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

30 Hariho n’ibindi bimenyetso vyinshi Yesu yakoreye imbere y’abigishwa, bitanditswe mur’ iki gitabo.

Gade chapit la Kopi




Yohana 20:30
10 Referans Kwoze  

Yesu yarakoze n’ibindi bintu vyinshi. Iyo vyose vyandikwa, nibaza ko n’isi yose itokwiwemwo ibitabu vyokwanditswe.


Ibi ndabibandikiye mwebwe mwizeye izina ry’Umwana w’Imana kugira ngo mumenye ko mufise ubugingo budashira.


Ivyo vyashitse kugira ngo bitubere akarorero ko kutuburira, twebwe abo mu gihe ca nyuma.


Kuko ivyanditswe kera vyose vyanditswe kugira ngo bitwigishe. Bidushoboza kwihangana, bikadutera n’intege kugira ngo dushobore kwizigira ko Imana izoshitsa ivyo yasezeranye.


Iki ni co gitangaza ca mbere Yesu yakoze, akaba yagikoreye i Kana mu ntara ya Galilaya. Uko ni ko Yesu yerekanye icubahiro ciwe, maze abigishwa biwe baramwizera.


Abantu isinzi baramukurikira kuko bari babonye ibitangaza yari yakoze mu gukiza abarwaye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite