Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 20:26 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

26 Haheze indwi, abigishwa ba Yesu basubira gukoranira hamwe mu nzu, kandi na Toma yari kumwe na bo. Imiryango y’inzu yari yugaye, ariko Yesu araza ahagarara hagati yabo, arababwira ati: “Amahoro abane namwe!”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Maz’ imisi munani ishize abigishwa bāri mu nzu ukundi gusha, na Toma bāri kumwe. Yesu araza, inzugi zari zugaye, abahagarara hagati, at’ Amahoro abe muri mwebge.

Gade chapit la Kopi




Yohana 20:26
14 Referans Kwoze  

Ku mugoroba w’uwo musi, ari wo musi wa mbere w’indwi, abigishwa bari bakoraniye hamwe biyugaranye kuko batinya abakuru b’Abayuda. Maze Yesu araza ahagarara hagati yabo, arababwira ati: “Amahoro abane namwe!”


Yesu yongera kubabwira ati: “Amahoro abane namwe! Nk’uko Data yantumye, ni ko nanje ndabatumye.”


Amahoro yanje ndayabasigaranye, kandi amahoro yanje ndayabahaye. Jewe singaba nk’uko isi igaba. None rero ntimuhagarike imitima canke ngo mugire ubwoba.


Haheze nk’imisi umunani Yesu ababwiye ivyo, ahitana Petero, Yohana na Yakobo, baduga ku musozi gusenga.


Haheze imisi itandatu, Yesu ajana Petero, Yakobo na mwene nyina Yohana, abadugana ku musozi muremure, kugira ngo abe aragumanye na bo bonyene.


Mu nyuma Yesu yiyereka bamwe cumi n’umwe bariko barasangira. Arabahambarira kubera ukutizera n’ugukomantaza imitima kuko banse kwemera ivyo babwiwe n’abamubonye amaze kuzuka.


Bakiriko barababwira ivyabaye, Yesu araza ahagarara hagati yabo, arababwira ati: “Amahoro abane namwe!”


Toma (uwo batazira Ihasa) abwira abigishwa bagenziwe ati: “Reka tugende natwe dupfane na Yesu.”


Inyuma y’ivyo, Yesu yiyereka abigishwa biwe ku kiyaga c’i Tiberiya. Ng’uku uko vyagenze:


Ubwo bwagira gatatu Yesu yiyereka abigishwa inyuma yo kuzuka kwiwe.


Inyuma y’urupfu rwiwe, yamaze imisi mirongo ine aza ariyereka izo ntumwa, azereka n’ibemenyetso bigaragara vyemeza ko ari muzima, yongera ababwira ivy’Ubwami bw’Imana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite