Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 20:21 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Yesu yongera kubabwira ati: “Amahoro abane namwe! Nk’uko Data yantumye, ni ko nanje ndabatumye.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Yesu yongera kubabgira, at’ Amahoro abe muri mwebge. Nk’uko Data yantumye ni ko nanje mbatumye.

Gade chapit la Kopi




Yohana 20:21
20 Referans Kwoze  

Ndababwire ukuri, umuntu wese yakira intumwa yanje aba anyakiriye; kandi uwunyakiriye aba yakiriye uwantumye.”


Erega Imana ntiyatumye Umwana wayo kw’isi gucira urubanza abari kw’isi, ahubwo yamutumye kugira ngo ibakize biciye muri we.


Ariko muzohabwa ubushobozi Mpwemu Yera niyabazako; maze muzonshingira intahe i Yerusalemu, i Yudaya n’i Samariya hose, no gushika ku mpera z’isi.”


Kandi ivyo wanyumvanye hari ivyabona vyinshi, uzovyigishe abantu b’ukwizerwa, na bo bazoshobora kuvyigisha abandi.


Umuntu wese abakiriye aba anyakiriye, kandi unyakiriye azoba yakiriye uwantumye.


Ndabarungitse nk’intama mu bikoko vy’inkazi. None rero, mwiyubare nk’inzoka kandi mwitonde nk’inuma.


Amahoro yanje ndayabasigaranye, kandi amahoro yanje ndayabahaye. Jewe singaba nk’uko isi igaba. None rero ntimuhagarike imitima canke ngo mugire ubwoba.


Nuko rero bene Data, mwebwe mwahamagawe n’Imana, mwiyumvire cane kuri uwu Yesu, uwo twemera nk’intumwa n’Umuherezi Mukuru wacu.


Ku mugoroba w’uwo musi, ari wo musi wa mbere w’indwi, abigishwa bari bakoraniye hamwe biyugaranye kuko batinya abakuru b’Abayuda. Maze Yesu araza ahagarara hagati yabo, arababwira ati: “Amahoro abane namwe!”


Bakiriko barababwira ivyabaye, Yesu araza ahagarara hagati yabo, arababwira ati: “Amahoro abane namwe!”


Ahejeje kuvuga ivyo, abahumekerako, arababwira ati: “Nimwakire Mpwemu Yera.


Haheze indwi, abigishwa ba Yesu basubira gukoranira hamwe mu nzu, kandi na Toma yari kumwe na bo. Imiryango y’inzu yari yugaye, ariko Yesu araza ahagarara hagati yabo, arababwira ati: “Amahoro abane namwe!”


gushika ku musi yurizwa mw’ijuru, ahejeje guha amategeko, mu bushobozi bwa Mpwemu Yera, intumwa yari yatoranije.


Nizeye ko tuzobonana vuba, tukavugana amaso mu yandi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite