Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 20:20 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Ahejeje kuvuga ivyo, abereka ibiganza n’urubavu vyiwe. Abigishwa baranezerwa cane babonye Umwami.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Amaze kuvuga artyo, abereka ibiganza vyiwe no mu rubavu. Maz’ abigishwa baranezerwa, babonye Umwami.

Gade chapit la Kopi




Yohana 20:20
9 Referans Kwoze  

Ni ko bimeze no kuri mwebwe: Iki ni igihe canyu c’umubabaro, ariko nitwasubira kubonana imitima yanyu izonezerwa, kandi nta n’umwe azoshobora kubatwara umunezero wanyu.


Ico tubabwira ni Jambo w’ubugingo yamyeho kuva mu ntango; uwo twumvise tukamubona n’amaso yacu, uwo twihweje kandi twakozeko n’iminwe yacu.


Maze abwira Toma ati: “Koza urutoke rwawe hano, urabe ibiganza vyanje. Gorora ukuboko kwawe ukore mu rubavu rwanje. Reka gukekeranya niwizere.”


Ndababwire ukuri, muzorira mugandare, ariko isi yo izonezerwa. Muzogira umubabaro, ariko umubabaro wanyu uzohinduka umunezero.


Umwe mu basoda acumita Yesu icumu mu rubavu, haseseka amaraso n’amazi.


Abo bagore baca bava ku mva, bagenda bihuta. Bari bafise ubwoba ariko kandi bafise n’akanyamuneza kenshi. Nuko bariruka baja kubwira abigishwa biwe iyo nkuru.


Abandi bigishwa baramubwira bati: “Twabonye Umwami!” Ariko arababwira ati: “Ivyo sinshobora kuvyemera ntiboneye inkovu z’imisumari mu biganza, nkazikozako urutoke rwanje, ngashira n’ikiganza canje mu nkovu yo mu rubavu rwiwe.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite