Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 20:19 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Ku mugoroba w’uwo musi, ari wo musi wa mbere w’indwi, abigishwa bari bakoraniye hamwe biyugaranye kuko batinya abakuru b’Abayuda. Maze Yesu araza ahagarara hagati yabo, arababwira ati: “Amahoro abane namwe!”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Nuko kur’ uwo musi buhwibiriye, ni wo musi wa mbere w’imisi ndwi, inzugi zāri zugaye ah’ abigishwa bari, kubgo gutinya Abayuda, Yesu araza abahagarara hagati, arababgira, at’ Amahoro abe muri mwebge.

Gade chapit la Kopi




Yohana 20:19
27 Referans Kwoze  

Haheze indwi, abigishwa ba Yesu basubira gukoranira hamwe mu nzu, kandi na Toma yari kumwe na bo. Imiryango y’inzu yari yugaye, ariko Yesu araza ahagarara hagati yabo, arababwira ati: “Amahoro abane namwe!”


Amahoro yanje ndayabasigaranye, kandi amahoro yanje ndayabahaye. Jewe singaba nk’uko isi igaba. None rero ntimuhagarike imitima canke ngo mugire ubwoba.


Yesu yongera kubabwira ati: “Amahoro abane namwe! Nk’uko Data yantumye, ni ko nanje ndabatumye.”


Kuko ni we mahoro yacu, we yakuyeho amacakubiri yari hagati y’Abayuda n’abanyamahanga akabagira ihanga rimwe akuyeho igihome c’ubwansi cadutandukanya.


Umwami w’amahoro we ubwiwe abahe amahoro ibihe vyose no mu buryo bwose. Umwami abane namwe.


Ariko nta n’umwe yubahuka kuvuga ivyiwe ku mugaragaro kuko batinya Abayuda.


Mu nyuma Yesu yiyereka bamwe cumi n’umwe bariko barasangira. Arabahambarira kubera ukutizera n’ugukomantaza imitima kuko banse kwemera ivyo babwiwe n’abamubonye amaze kuzuka.


Jewe Yohana, Ndabandikiye mwebwe abo mu mashengero indwi yo muri Aziya: Ubuntu n’amahoro biva ku wuriho, uwamyeho kandi agira aze, no ku mpwemu indwi ziri imbere y’intebe y’inganji,


kandi ko yiyeretse Kefa, hanyuma yiyereka bamwe cumi na babiri.


Ibi ndabibabwiye kugira ngo mugire amahoro muri jewe. Muri iyi si muzohagirira amarushwa menshi, ariko nimuhumure jewe naranesheje isi.”


Aburahamu aca afata ica cumi c’ivyo yanyaze mu rugamba vyose agiha Melekisedeki. Izina Melekisedeki risigura “umwami w’ubutungane”; umwami w’i Salemu bisigura “umwami w’amahoro.”


Ubuntu n’amahoro biva ku Mana Data wa twese no ku Mwami wacu Yesu Kristo bibane namwe.


Amahoro abe kuri bene Data, n’urukundo rufatanije n’ukwizera biva ku Mana Data no ku Mwami Yesu Kristo.


Imana, yo itanga amahoro, ibane namwe mwese. Amen.


Ni ko bimeze no kuri mwebwe: Iki ni igihe canyu c’umubabaro, ariko nitwasubira kubonana imitima yanyu izonezerwa, kandi nta n’umwe azoshobora kubatwara umunezero wanyu.


Kuko aho babiri canke batatu bakoraniye mw’izina ryanje, nanje mba ndi hagati muri bo.”


Niyaba ibikwiye, umuhezagiro wanyu uze ube kuri yo; niyaba itabikwiye, umuhezagiro wanyu uzogumana namwe.


Inyuma y’ivyo, Yesu yiyereka abigishwa biwe ku kiyaga c’i Tiberiya. Ng’uku uko vyagenze:


Ubwo bwagira gatatu Yesu yiyereka abigishwa inyuma yo kuzuka kwiwe.


Inyuma y’urupfu rwiwe, yamaze imisi mirongo ine aza ariyereka izo ntumwa, azereka n’ibemenyetso bigaragara vyemeza ko ari muzima, yongera ababwira ivy’Ubwami bw’Imana.


Nizeye ko tuzobonana vuba, tukavugana amaso mu yandi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite