Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 20:16 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Yesu aca aramuhamagara ati: “Mariya.” Na we arahindukira aramuraba, aca arasemerera mu rurimi rw’Igiheburayo ati: “Rabuni!” (bisigura “Mwigisha”).

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Yesu aramuhamagara, ati Mariya. Na we arahindukira, amwitaba mu Giheburayo, ati Rabuni (risobanurwa ngo Mwigisha).

Gade chapit la Kopi




Yohana 20:16
26 Referans Kwoze  

Umurinzi w’irembo aramwugururira, kandi intama zirumva ijwi ryiwe. Ahamagara intama ziwe mu mazina yazo, akaziturutsa.


Yesu ahindukiye, abona ko bamukurikiye. Arababaza ati: “Mwipfuza iki?” Baramwishura bati: “Rabi (bisigura ‘Mwigisha’), watse indaro he?”


Umusi umwe, hari nk’igihe c’isaha icenda z’umuhingamo, yerekwa abona mu buryo bugarara umumarayika w’Imana yinjiye aho ari, akavuga ati: “Koruneliyo!”


Maze agwa hasi, yumva ijwi rimubwira riti: “Sawuli, Sawuli, uriko umpamira iki?”


Bamusanze aho yari ari hakurya y’ikiyaga, baramubaza bati: “Mwigisha, washitse hano ryari?”


Toma aramubwira ati: “Mwami wanje, Mana yanje!”


Munyita ‘Umwigisha n’Umwami,’ kandi ivyo muvuga ni vyo, kuko ni ko biri.


Ahejeje kuvuga ayo majambo, aca aja guhamagara mwene nyina Mariya aramwihereranya, amubwira ati: “Umwigisha ari hano kandi arashaka kukubona.”


Aho i Yerusalemu, hafi y’irembo ry’intama, hari ikidengeri citwa Betesida mu rurimi rw’Igiheburayo, cari gikikujwe n’amabaraza atanu.


Umusi umwe aza kuraba Yesu mw’ijoro aramubwira ati: “Rabi, turazi ko uri umwigisha yavuye ku Mana, kuko nta muntu yoshobora gukora ibitangaza ukora, Imana itari kumwe na we.”


Natanayeli aca aravuga ati: “Rabi, uri Umwana w’Imana, uri Umwami wa Isirayeli.”


Ariko Umwami Yesu aramwishura ati: “Marita, Marita, reka guhagarika umutima, wigora muri vyinshi.


Ariko Yesu arababwira ati: “Humura! Ni jewe; ntimugire ubwoba.”


Yesu arayibaza ati: “Ushaka ko ngukorera iki?” Na yo iti: “Mwigisha, ndashaka guhumuka.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite