Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 20:15 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Yesu aramubaza ati: “Mupfasoni, ni kuki uriko urarira? Urondera nde?” Mariya yiyumviriye ko ari umurimyi wo muri iryo tongo, aramubwira ati: “Mushingantahe, nimba ari wewe wamutwaye, mbwira aho wamushize nje kumutora.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Yesu aramubaza, ati Mbega nyina wanje, urizwa n’iki? Urondera nde? Na we yiyumvira kw ar’ umurimyi waho, aramubgira, ati Mugenzi, namb’ ari wewe wamukūye hano, ndangira aho wamushize, ndamukūreyo.

Gade chapit la Kopi




Yohana 20:15
12 Referans Kwoze  

Baramubaza bati: “Mupfasoni, ni kuki uriko urarira?” Arabishura ati: “Batwaye Umwami wanje, kandi sinzi aho bamushize.”


Yesu yongera arababaza ati: “Murondera nde?” Baramwishura bati: “Yesu w’i Nazareti.”


Yesu ahindukiye, abona ko bamukurikiye. Arababaza ati: “Mwipfuza iki?” Baramwishura bati: “Rabi (bisigura ‘Mwigisha’), watse indaro he?”


Na we arabaremesha ati: “Ntimugire ubwoba! Ndazi ko murondera Yesu w’i Nazareti, umwe babamba. Ntari hano kuko yazutse! Nimuze murabe aho bari baryamitse ikiziga ciwe!


Umumarayika abwira abo bagore ati: “Mweho ntimutinye, kuko ndazi ko murondera Yesu yabambwe.


Maze, kuko Yesu yari azi ibigiye kumushikira, arabegera arababaza ati: “Murondera nde?”


Ba bagore bagira ubwoba bwinshi, bakubita ibipfukamiro hasi barunama, ariko ba bagabo barababwira bati: “Ni kuki muronderera umuntu muzima mu bapfuye?


Mwa bana b’inzoka mwe, mbega mwovuga ivyiza mute kandi muri babi? Erega ivyuzuye mu mutima ni vyo akanwa kavuga.


Nuko bamara umusi wose bagenda, bibaza ko umwana yoba ari mu bandi bari bafatanije urugendo. Mu nyuma batangura kumuronderera mu ncuti n’abagenzi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite