Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 2:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Hafi yaho hari impange z’amazi zibajwe mu mabuye Abayuda bakoresha mu mugenzo wabo wo kwihumanura, kandi impange imwe yashobora kujamwo nk’amaritiro ijana.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Hārih’ impange z’intango zitandatu z’amazi zabājwe mu mabuye, zateretsweho kubg’ ukwihumānura nk’uk’ umugenzo w’Abayuda war’ uri, imwe‐imwe yuzuzwa n’ibibindi bibiri canke bitatu.

Gade chapit la Kopi




Yohana 2:6
9 Referans Kwoze  

Bamwe mu bigishwa ba Yohana batangura guharira n’uwundi Muyuda umwe ku bijanye n’umugenzo wo kwihumanura.


Vyari ivyokurya no kunywa gusa n’imigenzo itandukanye yo kwiyuhagira. Yari amategeko yo ku mubiri gusa kugeza igihe ibintu vyari bigiye guhinduka.


ngo arigire iryejejwe ritunganye, aryogesheje umwuhagiro w’amazi ari ryo Jambo ry’Imana.


muze twegere aho Imana iri dufise imitima irimwo ukuri kandi tuyizeye ata gukekeranya, imitima yacu yogejwe igakurwamwo ibiyagiriza, n’imibiri yacu yogeshejwe amazi meza.


Kuko Mose amaze gusomera abantu bose amabwirizwa y’Imana, yakiriye amaraso y’impfizi n’ay’impene hamwe n’amazi, ayamijagira kuri ca gitabu c’ivyagezwe vy’Imana no ku bantu bose, akoresheje amashami y’agati kitwa ezobu n’ubwoya bw’intama bwera cane.


inyigisho zijanye n’umubatizo, ukurambikwako ibiganza, ukuzuka kw’abapfuye n’urubanza rw’iherezo.


Na we yishura ati: ‘Utugunguru ijana tw’amavuta ya elayo.’ Wa munyabigega aca amubwira ati: ‘Akira urupapuro wandike utugunguru mirongo itanu.’


Yesu abwira abakozi ati: “Nimwuzuze izo mpange amazi.” Nuko barazuzuza gushika ku mbiga.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite