Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 2:22 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

22 Amaze kuzuka, abigishwa biwe baciye bibuka ko ivyo yari yarabivuze, baca bizera Ivyanditswe n’amajambo Yesu yari yaravuze.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Nukw amaze kuzurwa mu bāpfuye, abigishwa biwe bibuka yuko yari yaravuze ivyo, bemera icanditswe, na rya jambo Yesu yavuze.

Gade chapit la Kopi




Yohana 2:22
13 Referans Kwoze  

Abigishwa ntibatahuye ubwo nyene ibiriko biraba. Ariko Yesu amaze kwinjira mu bwiza bwiwe, ni ho bibuka ko ivyo bamukoreye vyari vyaranditswe kuri we.


Ibi ndabibabwiye kugira ngo nivyashika, muze mwibuke ko nari narabibabwiye. Icatumye ntabibabwira mu ntango ni uko nari nkiri kumwe namwe.


Ariko Umwitsa, ari we Mpwemu Yera, uwo Data azorungika mw’izina ryanje, azobigisha vyose yongere abibutse ivyo nababwiye vyose.


Abigishwa biwe baca baribuka ijambo ryo mu Vyanditswe Vyera rivuga ngo: “Ishaka mfitiye inzu yawe ryaka muri jewe nk’umuriro.”


Nca nibuka ivyo Umwami Yesu yavuze, ati: ‘Yohana yabatiza mu mazi, ariko mwebwe muzobatizwa muri Mpwemu Yera.’


Iki ni co gitangaza ca mbere Yesu yakoze, akaba yagikoreye i Kana mu ntara ya Galilaya. Uko ni ko Yesu yerekanye icubahiro ciwe, maze abigishwa biwe baramwizera.


Aca ababarira ati: “Ibi ni vyo nari narababwiye nkiri kumwe namwe, ko ivyanditswe kuri jewe vyose mu Vyagezwe ya Mose, mu vyanditswe n’abavugishwa n’Imana no muri Zaburi, bitegerezwa gushika.”


Mbega Kristo ntiyategerezwa kubabazwa gutyo imbere y’uko yinjira mu bwiza bwiwe?”


Yesu n’abigishwa biwe na bo bari batumiwe muri ubwo bukwe.


yagishikije ku bwacu, twebwe abana babo, mu kuzura Yesu mu bapfuye. Ibi ni vyo vyanditswe muri Zaburi ya kabiri ngo: ‘Uri umwana wanje; uwu musi ndakuvyaye.’


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite