21 Ariko Yesu yavuze urusengero, ashaka kuvuga umubiri wiwe.
21 Ariko we yavuga urusengero rw’umubiri wiwe.
Mbega ntimuzi ko imibiri yanyu ari ingoro za Mpwemu Yera aba muri mwebwe, uwo mwahawe n’Imana? Erega ntimuciganza
Mbega ntimuzi ko muri ingoro y’Imana kandi ko Mpwemu w’Imana aba muri mwebwe?
Igikorwa ciwe yagikoreye ahera, Yakoreye igikorwa ciwe mw’ihema ry’ibonaniro, ikibanza nyakuri co gusengeramwo cubatswe n’Umwami Imana, atari amaboko y’abantu.
Kuko muri Kristo ari ho ukunengesera kw’Imana kuza kukaba mu buryo bw’umubiri.
kuko Imana yahimbawe n’uko ubumana bwayo bwuzuye buba muri we,
Mbega Imana hari ico yohurirako n’ibigirwamana? Turi ingoro y’Imana, kandi Imana yavuze iti: “Nzoba muri bo nongere ngendane na bo. Nzoba Imana yabo, na bo bazoba abantu banje.”
Jambo yahindutse umuntu abana natwe, yuzuye ubuntu n’ukuri. Natwe twariboneye ubwiza bwiwe; ni ubwiza bw’Umwana w’ikinege akura kuri Se.
Amaze kuzuka, abigishwa biwe baciye bibuka ko ivyo yari yarabivuze, baca bizera Ivyanditswe n’amajambo Yesu yari yaravuze.