Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 2:16 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Abariko baragurisha inuma arababwira ati: “Sohora ibi bintu! Reka guhindura inzu ya Data isoko!”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Abarira abadandaza inuma, ati Ni mukūreh’ ivyo, nta co muhindura inzu ya Data kuba inzu y’akaguriro.

Gade chapit la Kopi




Yohana 2:16
17 Referans Kwoze  

Arababwira ati: “Handitswe ngo: ‘Inzu yanje izoba iyo gusengeramwo,’ ariko mweho mwayihinduye ubwihisho bw’ibisuma!”


Nuko aca arabigisha ati: “Mbega Ivyanditswe ntibivuga ngo: ‘Inzu yanje izoba iyo gusengerwamwo n’amahanga yose’ ? Ariko mweho mwayihinduye ‘ubwihisho bw’ibisuma.’”


Yesu aramubaza ati: “Mbega mwandonderera iki? Ntimwari muzi ko ntegerezwa kuba mu nzu kwa Data?”


Mu gukunda amaronko kwabo, bazobakuramwo inyungu bakoresheje amajambo y’uruhendo. Igihano cabo carateguwe kuva kera, kandi uguhona kwabo ntigutevye.


Ariko Yesu arababwira ati: “Gushika n’ubu Data ariko arakora; kandi nanje ndiko ndakora.”


n’uguharira ata ho gushikana hagati y’ab’ubwenge bwapfuye, banyazwe ukuri, kandi bigira abagororotsi kugira ngo bashike ku nyungu zabo mbi.


Yesu aramubwira ati: “Ntumfatire, kuko ntaraja kwa Data. Ahubwo genda ubwire bene Data ko mvuze nti: ‘Ngiye kuduga kwa Data ari we So, Imana yanje ari yo Mana yanyu.’ ”


Data yazimpaye aruta bose; nta muntu n’umwe ashobora kuzikura mu kuboko kwa Data.


Yesu arabishura ati: “Jewe simboshwe n’umudayimoni; nubaha Data ariko mwebwe ntimunyubaha.


Maze Yesu yinjira mu rusengero, yirukana abadandaza n’abariko baragura bose. Ahenagura imeza z’abavunja amahera hamwe n’intebe z’abadandaza inuma.


Ariko, habura n’umwe avyitaho, bose bigira mu vyabo, umwe mw’itongo, uwundi mu bucuruzi,


Yesu atora imigozi ayitsibamwo ikimoko, yirukana abantu bose mu rusengero, asohora n’intama n’inka, asanzaza ibiceri vy’abavunja amafaranga, atembagariza n’imeza zabo hasi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite