Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 19:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Abakuru b’abaherezi n’abarinzi b’urusengero bamubonye, barasemerera bati: “Nabambwe! Nabambwe!” Pilato arabishura ati: “Nimumujane mwebwe mumwibambire kuko ata kibi na kimwe nasanze kimwagira.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Maz’ abaherezi bakuru n’abagendanyi bamubonye, barasemerera, bati Mubambe, mubambe. Pilato arababgira, ati Ni mube ari mwebge mumwishorerera, mumubambe, kuko jewe ata gicumuro mbonye kuri we.

Gade chapit la Kopi




Yohana 19:6
15 Referans Kwoze  

Pilato arababwira ati: “Nimumujane mwebwe nyene mumucire urubanza mukurikije amategeko yanyu.” Baramwishura bati: “Ntitwemerewe gucira umuntu urubanza rwo gupfa.”


Pilato yongera gusohoka abwira Abayuda bari bakoraniye aho ati: “Ngira ndamusohore ndamubazanire, ariko mumenye ko ata kibi na kimwe nasanze kimwagira.”


Mbega hari umuvugishwa n’umwe ba sogokuruza banyu batahamye? Mbere bishe n’abavugishijwe ku kuza kwa wa Umugororotsi. None namwe ubu mwaramugurishije, muramwica,


Uwo Yesu yatanzwe mu maboko yanyu ku bw’umugambi Imana yari yatareguye kuva kera, maze namwe mufashijwe n’abanyakibi n’abanyamahanga, mumwica mumubamvye ku musaraba.


Barasemerera bati: “Napfe! Napfe! Nabambwe!” Pilato arababaza ati: “Mushaka ko mbamba umwami wanyu?” Abakuru b’abaherezi baramwishura bati: “Nta wundi mwami dufise atari Kayisari.”


Pilato aca abarira abakuru b’abaherezi n’isinzi ry’abantu bari aho bose ati: “Uwu muntu simbona ikimwagira.”


Pilato abonye ko ata co ariko arashikako, ahubwo ko umuvurungano ukomeza kwiyongera, afata amazi, akarabira imbere y’abantu, avuga ati: “Jewe ndera, amaraso y’uwu muntu, ari kuri mwebwe!”


Hanyuma Pilato arababaza ati: “Yesu bita Kristo wewe ndamugire nte?” Bose bishurira rimwe bati: “Nabambwe!”


Ariko Petero aguma inyuma yiwe, amukurikira agendera kure, kugeza ashitse mu rugo rw’umuherezi mukuru. Ashitse yicarana n’abarinzi b’urugo arindira kuraba ingene bija kurangira.


Nuko Yuda aja muri iryo tongo, ajanye n’umurwi w’abasoda n’abarinzi b’urusengero barungitswe n’abakuru b’abaherezi n’Abafarisayo. Bari bafise ibimuri, amatara n’ibigwanisho.


Pilato aramubaza ati: “Ukuri ni iki?” Ahejeje kuvuga ivyo, aca arasohoka aja aho Abayuda bari bakoraniye, ababwira ati: “Nta kintu na kimwe kimwagira.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite