Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 19:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Nuko Yesu asohoka yambaye urugori rw’amahwa ku mutwe n’impuzu y’ubwami. Pilato arababwira ati: “Ng’uwu wa muntu!”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Nuko Yesu asohoka yambaye ico gitsibo c’amahwa na ya mpuzu y’inyambarabami. Pilato arababgira, at’ Ehe rāba uwo muntu!

Gade chapit la Kopi




Yohana 19:5
8 Referans Kwoze  

Abasoda bajisha urugori rw’amahwa, barumwambika ku mutwe, bamwambika n’impuzu y’ubwami,


Duhange amaso Yesu Kristo, we yatanguje ukwizera kwacu akaba ari na we agushitsa ku gutungana. Umunezero yashizwe imbere ni wo watumye yihanganira umusaraba n’isoni zawo. Ubu yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’intebe y’inganji y’Imana.


Ku musi ukurikira, Yohana abonye Yesu aje amutumbereye, aravuga ati: “Ng’uwu Umwagazi w’intama w’Imana, akura ivyaha vy’abari mw’isi.


hanyuma bajisha urugori rw’amahwa, barumwambika ku mutwe. Bamufatisha mu kuboko kw’i buryo inkoni y’irenga. Maze, bamupfukama imbere bamushinyagurira bati: “Turagize bwakeye, mwami w’Abayuda!”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite