Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 19:28 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

28 Inyuma y’ivyo, Yesu amenye ko vyose birangiye, kandi kugira ngo Ivyanditswe bishike, aravuga ati: “Ndanyotewe.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

28 Hanyuma y’ivyo Yesu amenye yuko noneho vyose birangiye, kugira ngw icanditswe gishike, aravuga, ati Mfise inyota.

Gade chapit la Kopi




Yohana 19:28
14 Referans Kwoze  

Yesu amaze kwumviriza kuri ya nkarisha, aravuga ati: “Birarangiye.” Nuko ajondamika umutwe aracikana.


Ndababwire, iri jambo ryavugishijwe kuri jewe ngo: ‘Yafashwe nk’umwe mu bagarariji,’ ritegerezwa gushika. Ni ukuri, ivyanditswe kuri jewe bigira bishike.”


Baravugana bati: “Ntidukwiye kuyitabura. Reka tuyipfindire kugira ngo tumenye uwuyegukira.” Ibi vyabaye kugira ngo bishitse Ivyanditswe bivuga ngo: “Bagabuye impuzu zanje, bapfindira umutamana wanje.” Ivyo ni vyo abasoda bakoze.


Hanyuma Yesu aca yihereranya bamwe cumi na babiri, arababwira ati: “Ehe tugira tuduge i Yerusalemu, aho Ivyanditswe n’abavugishwa n’Imana vyose ku Mwana w’Umuntu bizomushikirako.


Maze, kuko Yesu yari azi ibigiye kumushikira, arabegera arababaza ati: “Murondera nde?”


Buca ari Umusi mukuru wa Pasika, Yesu yari azi ko igihe ciwe co kuva mw’isi ngo asubire kwa Se cashitse. Yari yarakunze abiwe bari mw’isi, kandi yarabakunze gushika ku mwanya wa nyuma.


Bamaze gushitsa ivyanditswe kuri we vyose, bamumanuye ku musaraba bamushira mu mva.


bari mu bwiza bw’Imana, batangura kuganira na Yesu, bavugana ingene yari agiye kurangiza igikorwa ciwe mu gupfira i Yerusalemu.


Hari umubatizo ntegerezwa kubatizwa, kandi mpagaritswe umutima na wo kugeza ndawubatijwe.


Yesu arababwira ati: “Ivyokurya vyanje ni ugukora ivyo uwantumye agomba, no guheraheza igikorwa ciwe.


Naguhesheje icubahiro hano kw’isi mu kurangiza igikorwa wampaye.


Ibi vyabaye kugira ngo hashitswe Ivyanditswe bivuga ngo: “Nta na rimwe mu magufa yiwe rizovunika.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite