Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 19:26 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

26 Yesu abonye nyina ahagaze aho, na wa mwigishwa Yesu yakunda amwegereye, abwira nyina ati: “Muvyeyi, ng’uwo umwana wawe,”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Yesu abonye nyina na wa mwigishwa yakunda ahagazeho, abarira nyina, ati Nyina wanje, nguyo umwana wawe.

Gade chapit la Kopi




Yohana 19:26
6 Referans Kwoze  

Uwo mwigishwa ni we ashingira intahe ivyo kandi ni na we yavyanditse. Kandi turazi ko intahe yiwe ari iy’ukuri.


Nuko ariruka aja kurondera Simoni Petero na wa mwigishwa wundi Yesu yakunda, arababwira ati: “Bakuye Umwami mu mva, kandi ntituzi iyo bamushize.”


Umwe muri bo, uwo Yesu yakunda, yari yegamiye mu gikiriza ca Yesu bari ku meza.


Yesu aramwishura ati: “Muvyeyi, ivyo hari ico biturabako? Igihe canje ntikirashika?”


Wa mwigishwa Yesu yakunda abwira Petero ati: “Ni Umwami!” Simoni Petero yumvise ko ari Umwami, aca yambara impuzu yiwe yo hejuru (kuko yari yayikuye) asimbira mu mazi.


Nuko Petero arahindukira abona wa mwigishwa Yesu yakunda ariko arabakurikira. (Uwo ni umwe yari yegamiye mu gikiriza ca Yesu bariko barafungura akamubaza ati: “Mwami, ni nde agiye kukugurisha?”)


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite