Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 19:19 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Maze Pilato ategeka ko bandika icandiko bakakimanika ku musaraba. Ico candiko cavuga ngo: yesu w’i nazareti, umwami w’abayuda.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Pilato yandika icandiko, agishira ku musaraba; canditswe ngo YESU UMUNYANAZARETI UMWAMI W’ABAYUDA.

Gade chapit la Kopi




Yohana 19:19
14 Referans Kwoze  

Hejuru y’umutwe wiwe, bashiraho icandiko c’ibirego vyatumye abambwa cavuga ngo: uwu ni yesu umwami w’abayuda.


Baca bamanika icandiko hejuru yiwe kivuga ngo: uwu ni umwami w’abayuda.


Icandiko c’ibirego vyatumye abambwa cavuga ngo: umwami w’abayuda.


Hari nk’isaha zitandatu ku musi wo kwitegurira Pasika. Nuko Pilato abwira Abayuda ati: “Ng’uwu umwami wanyu!”


Ariko Petero aravuga ati: “Ifeza n’inzahabu nta vyo mfise, ariko ico mfise ndakiguha. Mw’izina rya Yesu Kristo Umunyenazareti, va hasi utambuke!”


Abakuru b’abaherezi babwira Pilato bati: “Reka kwandika ngo: ‘Umwami w’Abayuda,’ hindura wandike uti: yavuze ngo ni umwami w’Abayuda.”


Kuva ako kanya, Pilato agerageza kurekura Yesu, ariko abakuru b’Abayuda babandanya basemerera bati: “Niwarekura uwo muntu, ntuzoba ukiri umugenzi wa Kayisari. Umuntu wese yiyita umwami aba agararije Kayisari.”


bamwegera kenshi bavuga bati: “Turagize bwakeye, mwami w’Abayuda!” Bongera bamukubita mu maso.


Nuko Pilato asubira ku kirimba, ahamagara Yesu, aramubaza ati: “Uri Umwami w’Abayuda?”


Natanayeli aca aravuga ati: “Rabi, uri Umwana w’Imana, uri Umwami wa Isirayeli.”


Nanje ubwanje nahora niyumvira ko nkwiye gukora ibishoboka vyose ngo ngwanye izina rya Yesu Umunyenazareti.


baca baja kuba mu gisagara citwa Nazareti. Uko ni ko ivyo abavugishwa n’Imana bavuze vyashitse ngo: “Azokwitwa Umunyenazareti.”


Na bo bayibwira bati: “Ni Yesu w’i Nazareti ariko ararengana.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite