Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 19:11 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Yesu aramwishura ati: “Nta bubasha wari umfiseko iyo utabuhabwa n’Imana. Ni co gituma uwakunshikirije yakoze icaha kiruta icawe.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Yesu aramwishura, ati Nta bubasha war’ ufise kuri jewe, shit’ ubuhawe buvuye hejuru, ni co gituma uwakunshikirije afise icaha kirengeje.

Gade chapit la Kopi




Yohana 19:11
37 Referans Kwoze  

Umuntu wese akwiye kwubaha abategetsi, kuko ata butegetsi na bumwe bubaho Imana itabushizeho. Ubutegetsi buriho bwashizweho n’Imana.


Yohana arabishura ati: “Nta co muntu ashobora kuronka atagihawe kivuye mw’ijuru ku Mana.


Uwo Yesu yatanzwe mu maboko yanyu ku bw’umugambi Imana yari yatareguye kuva kera, maze namwe mufashijwe n’abanyakibi n’abanyamahanga, mumwica mumubamvye ku musaraba.


Imana ya Aburahamu, ya Isaka n’iya Yakobo, Imana ya ba sogokuruza, ni yo ishimagije umusavyi wayo Yesu, uwo mwatanze ngo yicwe, mukamwihakana imbere ya Pilato, naho we yari yahisemwo kumurekura.


Maze abantu baca bagerageza kumufata ariko nta n’umwe yashoboye kumukozako ukuboko kuko igihe ciwe kitari bwashike.


Ingabire yose nziza kandi itunganye iva ku Mana Data, yaremye umuco wose wo mw’ijuru, kandi muri we ntihigera habaho guhindagurika kurya kw’igitutu.


Ntudutererane ibitugerageza, uhubwo udukize wa mubi. [Kuko Ubwami, ubushobozi n’ubwiza ari ivyawe ibihe vyose. Amen.]


Umuntu wese azi iciza yategerezwa gukora ntagikore, aba acumuye.


Vyose ni yo ibitanga, bibeshejweho n’ubushobozi bwayo kandi biriho kugira ngo biyiheshe icubahiro. Icubahiro cose kibe icayo ibihe vyose! Amen.


Bashikije ico wari waramaze kugena ko kizoshika, mu bushobozi bwawe no mu gushaka kwawe.


Baca baramufata, baramuboha, bamujana kwa Pilato, umutware w’Umuroma.


Yuda, uwari yamugurishije yari yabahaye ikimenyetso, ababwira ati: “Uwo nja gusoma azoba ari we. Muce mumufata mumujane, kandi mumugumye cane!”


Nuko Yuda aja muri iryo tongo, ajanye n’umurwi w’abasoda n’abarinzi b’urusengero barungitswe n’abakuru b’abaherezi n’Abafarisayo. Bari bafise ibimuri, amatara n’ibigwanisho.


Yesu arabishura ati: “Iyo muba impumyi, ntimwokwagiriwe n’icaha, ariko ko mwemeza ko mubona, icaha canyu kigumaho.”


Imisi yose namana namwe mu rusengero, ntimwigeze mumfata. Ariko noneho igihe canyu ni iki; umwijima ugira uganze.”


Maze umuherezi mukuru yitaburirako impuzu ziwe, avuga ati: “Aratutse Imana! None hari ibindi vyabona dukeneye? Ubu na ho ntimwiyumviye ingene atutse Imana?


babanza kumujana kwa Anasi, sebukwe wa Kayafa, umuherezi mukuru muri uwo mwaka.


Pilato aramubaza ati: “Ni kuki utanyishura? Ntuzi ko mfise ububasha bwo kukurekura canke kukubamba?”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite