Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 18:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Maze, kuko Yesu yari azi ibigiye kumushikira, arabegera arababaza ati: “Murondera nde?”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Nuko Yesu amenye ibigira bimubeko vyose, arabasanganira, arababaza, ati Murondera nde?

Gade chapit la Kopi




Yohana 18:4
27 Referans Kwoze  

Buca ari Umusi mukuru wa Pasika, Yesu yari azi ko igihe ciwe co kuva mw’isi ngo asubire kwa Se cashitse. Yari yarakunze abiwe bari mw’isi, kandi yarabakunze gushika ku mwanya wa nyuma.


Yesu yongera arababaza ati: “Murondera nde?” Baramwishura bati: “Yesu w’i Nazareti.”


Wamenyesheje inzira y’ubugingo, uzonyuzuza umunezero ndi imbere yawe.’


Inyuma y’ivyo, Yesu amenye ko vyose birangiye, kandi kugira ngo Ivyanditswe bishike, aravuga ati: “Ndanyotewe.”


Yesu yari azi uwugiye kumugurisha, ni co gituma yavuze ko batari batunganye bose.


Ariko bamwe muri mwebwe ntibizera.” Kuko kuva mu ntago, Yesu yari azi abatizera n’uwuzomugurisha.


Aca ababarira ati: “Ibi ni vyo nari narababwiye nkiri kumwe namwe, ko ivyanditswe kuri jewe vyose mu Vyagezwe ya Mose, mu vyanditswe n’abavugishwa n’Imana no muri Zaburi, bitegerezwa gushika.”


Bariko baragenda Yesu arababwira ati: “Iri joro muraja kunta mwese mwigire. Kuko Ivyanditswe biravuga ngo: ‘Nzokubita umwungere, intama zo mu mukuku zisanzare.’


Bariko barafungura, Yesu aravuga ati: “Ndababwire ukuri, umwe muri mwebwe ahava angurisha.”


“Nk’uko musanzwe mubizi, Umusi Mukuru wa Pasika, ugiye kuba mu misi ibiri: Umwana w’Umuntu azofatwa atangwe kugira ngo abambwe.”


Kuva ico gihe, Yesu atangura kubwira abigishwa biwe ko ategerezwa kuja i Yerusalemu, akababazwa mu buryo bwinshi n’abakuru b’idini, n’abaherezi bakuru n’abigisha b’ivyagezwe, kandi ko azokwicwa hanyuma akazuka ku musi ugira gatatu.


Nuko rero, ko Kristo yababajwe mu mubiri, namwe mwamane uwo mutima, igihe cose mwame mwiteguriye kubabazwa nk’uko yababajwe. Kuko uwumaze kubabazwa mu mubiri ahorwa Kristo aba atakiganzwa n’icaha.


Baramwishura bati: “Yesu w’i Nazareti.” Na we ababwira ati: “Ni jewe.” (Kandi Yuda, uwagira amugurishe, yari ahagararanye na bo.)


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite