Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 18:32 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

32 Ibi vyabaye kugira ngo bishitse ico Yesu yari yaravuze igihe yavuga urupfu yari agiye gupfa.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

32 Ngw ijambo rya Yesu rishike, iryo yavuze abamenyesha urupfu azopfa urw’ ari rwo.

Gade chapit la Kopi




Yohana 18:32
17 Referans Kwoze  

Nk’uko Mose yamanitse inzoka ku giti mu bugaragwa, ni ko n’Umwana w’Umuntu ategerezwa kumanikwa,


“Nk’uko musanzwe mubizi, Umusi Mukuru wa Pasika, ugiye kuba mu misi ibiri: Umwana w’Umuntu azofatwa atangwe kugira ngo abambwe.”


hanyuma bamushikirize Abanyamahanga kugira bo bamushinyagurire, bamushishagure, hanyuma bamubambe ku musaraba. Ariko ku musi ugira gatatu, azozuka!”


Nuko Yesu arababwira ati: “Nimwamara kumanika Umwana w’Umuntu ku musaraba ni ho muzomenya ko ndi uwo ndiko ndababwira, kandi ko ata co nkora nigeneye, ahubwo ko mvuga ivyo Data yanyigishije.


Arababwira ati: “Ehe tuduze i Yerusalemu, aho Umwana w’Umuntu azotangwa agahabwa abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyagezwe. Bazomucira urubanza rwo gupfa hanyuma bamushikirize Abanyamahanga,


Kristo yadukijije umuvumo w’ivyagezwe aho yahinduka umuvumo ku bwacu, nk’uko vyanditswe ngo: “Haravumwe uwubambwe ku giti.”


Bakiriko baramutera amabuye, Sitefano arasenga ati: “Mwami Yesu, akira ubugingo bwanje.”


Baramwishura bati: “Ntitugomba kugutera amabuye kubera igikorwa ciza, ahubwo tuguhora gutuka Imana; kuko uri umuntu asanzwe, ariko ukigira Imana!”


Nuko Abayuda bongera gutora amabuye ngo bayamutere,


Ibi sindabivuze kuri mwebwe mwese; kuko ndazi abo natoranije. Ariko ibi bishitsa Ivyanditswe bivuga ngo: ‘Uwo twasangiye ivyokurya vyanje, ni we yahindukiriye kungwanya.’


Pilato arababwira ati: “Nimumujane mwebwe nyene mumucire urubanza mukurikije amategeko yanyu.” Baramwishura bati: “Ntitwemerewe gucira umuntu urubanza rwo gupfa.”


Yesu yavuze ivyo ashaka kwerekana urupfu Petero azopfa ahesha Imana icubahiro. Aca abwira Petero ati: “Nkurikira!”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite