Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 18:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Nuko Yuda aja muri iryo tongo, ajanye n’umurwi w’abasoda n’abarinzi b’urusengero barungitswe n’abakuru b’abaherezi n’Abafarisayo. Bari bafise ibimuri, amatara n’ibigwanisho.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Nuko Yuda amaze guhabga n’abaherezi bakuru n’Abafarisayo ingabo z’abasoda, bo n’abagendanyi, ajayo, bari n’amatara n’ibimuri n’ibirwanishwa.

Gade chapit la Kopi




Yohana 18:3
15 Referans Kwoze  

Nuko wa mugwi w’abasoda n’umukuru wabo hamwe na ba barinzi b’urusengero bafata Yesu baramuboha,


ababwira ati: “Bene Data, Ivyanditswe vyategerezwa gushika kuri Yuda, umwe yaza arongoye abaje gufata Yesu. Ivyo Mpwemu Yera yari yarabivuze kera aciye kuri Dawidi.


Nuko ku mugoroba w’uwo musi, Yesu asangira n’abigishwa biwe, kandi Satani yari yamaze gushira muri Yuda, mwene Simoni Isikariyote, iciyumviro co kugurisha Yesu.


Yesu abandanya avuga ati: “Ico gihe Ubwami bw’ijuru buzoba bugereranywa n’inkumi cumi zateguye amatara yazo ngo zije gusanganira umukwe.


Abafarisayo bumvise ivyo abantu bariko barongoreranira kuri Yesu, baca bafatanya n’abakuru b’abaherezi batuma abarinzi b’urusengero gufata Yesu.


Kubera hari hakanye, abakozi n’abarinzi baciye bacana umuriro, bahagarara i ruhande yawo bota. Petero na we nyene ahagararana na bo yota.


Yesu ahejeje kuvuga ayo majambo, umwe mu barinzi bari bahagaze hafi yiwe amukubita urushi mu maso, aramubaza ati: “Uko ni ko wishura umuherezi mukuru?”


Abakuru b’abaherezi n’abarinzi b’urusengero bamubonye, barasemerera bati: “Nabambwe! Nabambwe!” Pilato arabishura ati: “Nimumujane mwebwe mumwibambire kuko ata kibi na kimwe nasanze kimwagira.”


I Kayisariya hari umugabo yitwa Koruneliyo, yari umugabisha w’umuce w’ingabo bita Umuce w’Abataliyano.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite