Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 18:28 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

28 Urubanza rwa Yesu imbere ya Kayafa rwaheze kare mu gitondo. Mu nyuma baciye bamujana ku kirimba c’uwaserukira ubwami bw’Abaroma. Ariko abakuru b’Abayuda ntibinjiye kuko banka kwihumanya kugira ngo bashobore guhimbaza umusi mukuru wa Pasika.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

28 Bakūra Yesu kwa Kayafa, bamujana mw iboma: hāri mu mutwenzi. Arik’ ubgabo ntibinjira mw iboma, ngo boye kwihumanya, kugira ngo babone ingene barya Pasika.

Gade chapit la Kopi




Yohana 18:28
33 Referans Kwoze  

Aca asubiza Yesu mu kirimba, aramubaza ati: “Uri uwa he?” Ariko Yesu ntiyagira ico amwishura.


Nuko Pilato asubira ku kirimba, ahamagara Yesu, aramubaza ati: “Uri Umwami w’Abayuda?”


Hari nk’isaha zitandatu ku musi wo kwitegurira Pasika. Nuko Pilato abwira Abayuda ati: “Ng’uwu umwami wanyu!”


Abasoda ba Pilato batwara Yesu aho umutware w’Umuroma yakorera, hanyuma begeranya abandi basoda bagize umugwi wabo.


Imana ya Aburahamu, ya Isaka n’iya Yakobo, Imana ya ba sogokuruza, ni yo ishimagije umusavyi wayo Yesu, uwo mwatanze ngo yicwe, mukamwihakana imbere ya Pilato, naho we yari yahisemwo kumurekura.


Imisi mikuru ya Pasika Abayuda bahimbaza yari yegereje, kandi abantu benshi bava mu mihingo yose y’igihugu bakaja i Yerusalemu kugira ngo bagire umugenzo wo kwihumanura imbere y’uko Pasika ishika.


bati: “Winjiye mu nzu y’abatakebwe, usangira na bo!”


Aca arababwira ati: “Murazi neza ko bitemewe ko Umuyuda yifatanya n’umunyamahanga canke ngo amugendere. Ariko Imana yanyeretse ko ntakwiye gufata umuntu n’umwe nk’uwuhumanye.


Ariko musanzwe mufise umugenzo wo kunsaba imbohe imwe mu gihe c’imisi mikuru ya Pasika. Mushaka ko ndabarekurira Umwami w’Abayuda?”


Bukeye, inama nkuru y’abatwara ubwo bwoko irakorana, irimwo abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyagezwe, maze Yesu ajanwa imbere yabo.


Nuko abasoda bajana Yesu mu rugo rw’imbere (ni ukuvuga aho umutware w’Umuroma yakorera), bahamagara abandi basoda bagize umugwi wabo,


babanza kumujana kwa Anasi, sebukwe wa Kayafa, umuherezi mukuru muri uwo mwaka.


Nuko Simoni Petero n’uwundi mwigishwa bakurikira Yesu. Uwo mwigishwa wundi yari azwi n’umuherezi mukuru, ivyo vyatumye yemererwa kwinjirana na Yesu mu rugo rw’umuherezi mukuru,


Yesu aramwishura ati: “Nta bubasha wari umfiseko iyo utabuhabwa n’Imana. Ni co gituma uwakunshikirije yakoze icaha kiruta icawe.”


Ni ivy’ukuri Herode na Pontiyo Pilato bifatanije n’Abanyamahanga hamwe n’ubwoko bwa Isirayeli bwo muri iki gisagara, kugira ngo bagwanye umusavyi wawe yera Yesu, uwo warobanuje amavuta.


Tumako Simoni bita Petero, ari i Yopa. Asembereye mu nzu kwa Simoni akora ibijanye no gutunganya insato, aba ku nkengera y’ikiyaga.’


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite