Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 18:15 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Nuko Simoni Petero n’uwundi mwigishwa bakurikira Yesu. Uwo mwigishwa wundi yari azwi n’umuherezi mukuru, ivyo vyatumye yemererwa kwinjirana na Yesu mu rugo rw’umuherezi mukuru,

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Simoni Petero akurikira Yesu, bo n’uwundi mwigishwa. Uwo mwigishwa yar’ azinanyi n’umuherezi mukuru, ashikana na Yesu mu rugo rw’uwo muherezi mukuru,

Gade chapit la Kopi




Yohana 18:15
6 Referans Kwoze  

Nuko baramufata bamutwara mu rugo rw’umuherezi mukuru. Petero na we arabakurikira agendera kure inyuma yabo.


Petero aguma amukurikira agendera kure inyuma, maze ashika mu rugo rw’umuherezi mukuru, aca yicarana n’abarinzi b’urugo, yota umuriro.


Uwo mwanya, abakuru b’abaherezi hamwe n’abakuru b’Abayuda, bakoranira mu rugo rw’umuherezi mukuru Kayafa,


Nuko Anasi aca arungika Yesu aboshwe kwa Kayafa, umuherezi mukuru.


Urubanza rwa Yesu imbere ya Kayafa rwaheze kare mu gitondo. Mu nyuma baciye bamujana ku kirimba c’uwaserukira ubwami bw’Abaroma. Ariko abakuru b’Abayuda ntibinjiye kuko banka kwihumanya kugira ngo bashobore guhimbaza umusi mukuru wa Pasika.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite