Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 18:13 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 babanza kumujana kwa Anasi, sebukwe wa Kayafa, umuherezi mukuru muri uwo mwaka.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 babanza kumujana kwa Anasi, kuko yari sebukwe wa Kayafa umuherezi mukuru wo mur’ uwo mwaka.

Gade chapit la Kopi




Yohana 18:13
9 Referans Kwoze  

Nuko Anasi aca arungika Yesu aboshwe kwa Kayafa, umuherezi mukuru.


Ivyo ntiyabivuze avyigeneye; ariko nk’umuherezi mukuru muri uwo mwaka, yaravugishijwe ko Yesu yari agiye gupfira igihugu cose.


Anasi na Kayafa na bo bari abaherezi bakuru. Ico gihe ni ho ijambo ry’Imana ryaza kuri Yohana mwene Zakariya ari mu bugaragwa.


Abaje gufata Yesu bamujana mu rugo rw’umuherezi mukuru Kayafa, ahari hakoraniye abigisha b’ivyagezwe hamwe n’abakuru b’Abayuda.


Uwo mwanya, abakuru b’abaherezi hamwe n’abakuru b’Abayuda, bakoranira mu rugo rw’umuherezi mukuru Kayafa,


Anasi umuherezi mukuru ni ho yari ari, ari kumwe na Kayafa, na Yohana, na Alegizandere hamwe n’abandi benshi bo mu muryango w’abaherezi bakuru.


Nuko umwe muri bo yitwa Kayafa, ari na we yari umuherezi mukuru uwo mwaka, aravuga ati: “Ntimuzi ico muriko muravuga!


Urubanza rwa Yesu imbere ya Kayafa rwaheze kare mu gitondo. Mu nyuma baciye bamujana ku kirimba c’uwaserukira ubwami bw’Abaroma. Ariko abakuru b’Abayuda ntibinjiye kuko banka kwihumanya kugira ngo bashobore guhimbaza umusi mukuru wa Pasika.


Yesu aramwishura ati: “Nta bubasha wari umfiseko iyo utabuhabwa n’Imana. Ni co gituma uwakunshikirije yakoze icaha kiruta icawe.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite