Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 18:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Nuko wa mugwi w’abasoda n’umukuru wabo hamwe na ba barinzi b’urusengero bafata Yesu baramuboha,

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Nukw abasoda n’umukuru w’abagabisha babo n’abagendanyi b’Abayuda bafata Yesu, baramuboha,

Gade chapit la Kopi




Yohana 18:12
17 Referans Kwoze  

Nuko Yuda aja muri iryo tongo, ajanye n’umurwi w’abasoda n’abarinzi b’urusengero barungitswe n’abakuru b’abaherezi n’Abafarisayo. Bari bafise ibimuri, amatara n’ibigwanisho.


Abaje gufata Yesu bamujana mu rugo rw’umuherezi mukuru Kayafa, ahari hakoraniye abigisha b’ivyagezwe hamwe n’abakuru b’Abayuda.


Abasoda bashikanye Pawulo mw’ikambi, abaza wa mukuru w’abasoda ati: “Noshobora kugira ico ndababaza?” Na we aramwishura ati: “Urazi Ikigiriki?


Bagira bamwice, inkuru ica ishikira umukuru w’abasoda b’Abaroma ko igisagara ca Yerusalemu cose kiri mu mugumuko.


Nuko baramufata bamutwara mu rugo rw’umuherezi mukuru. Petero na we arabakurikira agendera kure inyuma yabo.


Kare mu gitondo, abakuru b’abaherezi hamwe n’abatware, n’abigisha b’ivyagezwe, ari bo bari bagize inama nkuru y’idini ry’Abayuda barakorana, bagira inama. Nuko baboha Yesu, bamujana kwa Pilato.


Nuko bafata Yesu bamujana mu rugo rw’umuherezi mukuru, ahari hakoraniye abakuru b’abaherezi, abatware, n’abigisha b’ivyagezwe.


Baca baramufata, baramuboha, bamujana kwa Pilato, umutware w’Umuroma.


Impari ziba nyinshi gushika aho wa mukuru w’abasoda agira ubwoba, yibaza ko bahava batabagura Pawulo. Aca ategeka abasoda ngo bamanuke bamunyakure, bamuhungishirize mw’ikambi.


Abasoda ba Pilato batwara Yesu aho umutware w’Umuroma yakorera, hanyuma begeranya abandi basoda bagize umugwi wabo.


I Kayisariya hari umugabo yitwa Koruneliyo, yari umugabisha w’umuce w’ingabo bita Umuce w’Abataliyano.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite