Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 16:32 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

32 Igihe kiri hafi kandi kirashitse, aho mugiye gushwiragira, umwe wese afate inzira yiwe, munsige jenyene. Ariko sindi jenyene kuko Data ari kumwe nanje.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

32 Igihe kigira kize, mbere kirashitse, aho muhava musābagira, umuntu wese aje mu vyiwe, munte jenyene, ariko sindi jenyene, kuko Data ari kumwe nanje.

Gade chapit la Kopi




Yohana 16:32
22 Referans Kwoze  

Bariko baragenda Yesu arababwira ati: “Iri joro muraja kunta mwese mwigire. Kuko Ivyanditswe biravuga ngo: ‘Nzokubita umwungere, intama zo mu mukuku zisanzare.’


Kandi uwantumye ari kumwe nanje; ntiyandetse jenyene, kuko nama nkora ibimunezereza.”


Iyo ndamutse nca urubanza, ruba ari urw’ukuri, kuko simba ndi jenyene, mba ndi kumwe na Data yantumye.


Yesu arababwira ati: “Mwese muhava muhunga, munte jenyene. Kuko Ivyanditswe bivuga ngo: ‘Nzokubita umwungere, intama zisanzare.’


Ariko, ibi vyose bibaye kugira ngo Ivyanditswe n’abavugishwa n’Imana bishike.” Ubwo nyene abigishwa biwe bose baramuta barahunga.


Maze ba bigishwa baca basubira i muhira.


Ibi ndabibabwiye mu migani, ariko igihe kiraje aho ntazosubira kubigishiriza mu migani, ariko nzobabwira ivya Data ndabitomoye.


Bazobirukana mu masinagogi, kandi igihe kiraje aho abazobica bazokwibaza ko bariko bakorera Imana.


Ariko igihe kiraje kandi kirashitse aho abasenga b’ukuri bazosenga Data mu Mpwemu no mu kuri. Abo ni bo basenzi Data arondera.


Yesu aramwishura ati: “Mupfasoni, nunyizere: igihe kiraje aho mutazorinda kuja gusengera Data kuri uwu musozi canke i Yerusalemu.


Yesu arabishura ati: “Igihe kirashitse Umwana w’Umuntu ahabwe icubahiro ciwe.


Ibi ntibibatangaze, kuko igihe kiraje aho abari mu mva bose bazokwumva ijwi ryiwe,


Ndababwire ukuri, igihe kiraje kandi kirashitse, aho abapfuye bazokwumva ijwi ry’Umwana w’Imana kandi abazoryumva bazogira ubugingo.


Nuko bose baramuta barahunga.


Na Sawuli ni ho yari ari, kandi yari ashigikiye ko Sitefano yicwa. Uwo musi haca haduka ihamwa rikomeye kw’ishengero ry’i Yerusalemu, maze abigishwa bose, kiretse intumwa, basanzarira i Yudaya n’i Samariya.


Yesu arabishura ati: “Ubu rero murizeye?


abwira wa mwigishwa ati: “Ng’uwo umuvyeyi wawe.” Kuva ico gihe, wa mwigishwa aca ajana Mariya iwe.


Tumaze gusezerana, duca twurira ubwato, na bo basubira iwabo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite