Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 16:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 barihenda ku vy’ukugororoka, kuko ngiye gusubira kwa Data kandi mukaba mutazosubira kumbona.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 ivy’ ukugororoka, kuko nja kwa Data, kandi namwe muzoba mutakimbona,

Gade chapit la Kopi




Yohana 16:10
26 Referans Kwoze  

Kuko na Kristo yababarijwe ivyaha vyacu rimwe gusa, uwutagira icaha apfira abanyavyaha, kugira ngo abahuze n’Imana. Mu mubiri yarishwe, ariko Mpwemu Yera amusubiza ubugingo.


Imana yahinduye icaha uwutigeze acumura ku neza yacu, kugira ngo muri we ducike ukugororoka kw’Imana.


Ikirengeye ivyo umuntu yokwibaza vyose, ikinyegezwa c’ukwizera kwacu kirahambaye: Kristo yabonetse mu mubiri, yemezwa na Mpwemu Yera, abonwa n’abamarayika, amenyekanishwa mu mahanga, yizerwa n’abo mw’isi, aduzwa mu bwiza bwo mw’ijuru.


Imana ni yo yabagize umwe na Kristo Yesu, we yatubereye ubwenge buva ku Mana. Ni we kugororoka kwacu, ukwera kwacu kandi ni we gucungurwa kwacu gukomokako.


Mwihakanye Uwera, Umugororotsi, musaba ko barekura umwicanyi.


Ariko twebwe turi muri Mpwemu twiteganye igishika kwakira mu kwizera ukugororoka Imana yadusezeraniye.


Ubwo Butumwa Bwiza buduhishurira ingene Imana itugira abagororotsi mu maso yayo, kandi ivyo tubihabwa n’ukwizera kwonyene; nk’uko Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: “Umugororotsi azobeshwaho n’ukwizera.”


kuko yashinze umusi izocira imanza isi mu bugororotsi, ikoresheje uwo yagenye. Iyo Imana yabigaragaje kuri bose mu kumuzura mu bapfuye.”


Mbega hari umuvugishwa n’umwe ba sogokuruza banyu batahamye? Mbere bishe n’abavugishijwe ku kuza kwa wa Umugororotsi. None namwe ubu mwaramugurishije, muramwica,


Uwo Yesu Imana yaramuzuye mu bapfuye, twese turi ivyabona vyo kubishingira intahe.


Hari uwundi anshingira intahe, kandi ndazi ko intahe anshingira ari iy’ukuri.


Nk’uko Mose yamanitse inzoka ku giti mu bugaragwa, ni ko n’Umwana w’Umuntu ategerezwa kumanikwa,


Yesu aravuga ati: “Ndi kumwe namwe igihe gito gusa, hanyuma nzoca nsubira ku wantumye.


Ariko ubu ngiye gusubira ku wantumye, kandi nta n’umwe muri mwebwe ambajije iyo ngiye kuja.


Naje mva kwa Data nza mw’isi, none ngiye kuva mw’isi nsubire kwa Data.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite