Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 16:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Ibi ndabibabwiye kugira ngo ntimuzotakaze ukwizera nivyashika.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Ico mbabaririye ivyo, n’ukugira ngo ntimuze mutsitazwe.

Gade chapit la Kopi




Yohana 16:1
11 Referans Kwoze  

Kandi ngo: “Ni ibuye ritsitaza, n’urutare rugwisha.” Batsitara kuko batumvira ubutumwa bari barateguriwe.


Ariko kubera ko iryo jambo ritagira imizi miremire muri bo, bamara umwanya muto bizeye. Iyo baciye mu vyago canke mu guhamwa bazira kwizera iryo Jambo ry’Imana, baca bata ukwizera.


Ibi ndabibabwiye kugira ngo nivyashika, muze mwibuke ko nari narabibabwiye. Icatumye ntabibabwira mu ntango ni uko nari nkiri kumwe namwe.


Ico gihe benshi bazota ukwizera bahemukiranire kandi bankane.


Ni vyiza kutarya inyama canke kutanywa umuvinyu canke kudakora ikindi kintu na kimwe cotuma mwene Data wundi agwa mu caha.


Maze ivyiwe birabatsitaza, bituma batamwizera. Yesu arababwira ati: “Uwuvugishwa n’Imana arubahwa hose kiretse iwabo no mu muryango wiwe.”


Harahiriwe uwudatsitazwa n’ivyanje!”


Ibi ndabibabwiye kugira ngo umunezero wanje ube muri mwebwe, kandi umunezero wanyu wuzure.


kugira ngo mushobore kumenya neza iciza kurusha ibindi ico ari co, mutanduye kandi mutagira umugayo gushika aho Kristo azogarukira.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite