Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 15:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Nimwaguma muri jewe, amajambo yanje akaguma muri mwebwe, muze musabe ico mushaka cose, kandi muzogihabwa.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Ni mwaguma muri jewe, amajambo yanje akaguma muri mwebge, musabe ico mugomba cose, kizobabera kuno.

Gade chapit la Kopi




Yohana 15:7
24 Referans Kwoze  

Kandi ico tuzi tudakekeranya ni uko iyo tuyisavye ico ari co cose gihuye n’ugushaka kwayo itwumva.


Ico muzosaba cose mw’izina ryanje nzogikora, kugira ngo Data ahabwe icubahiro biciye mu Mwana.


Kandi ico tuyisavye cose irakiduha, kuko twitondera amabwirizwa yayo, tugakora ibiyihimbara.


Si mwebwe mwantoranije, ni jewe nabatoranije. Nabashizeho kugira ngo mugende mwame ivyamwa, kandi ivyamwa bihoraho, kugira ngo ico muzosaba Data cose mw’izina ryanje azokibahe.


Musabe muzohabwa; murondere muzoronka; mudodore muzokwugururirwa.


Uwo musi, nta kibazo na kimwe muzosubira kumbaza. Ndababwire ukuri, ico muzosaba Data cose mw’izina ryanje azokibaha.


Ndababwira nti: Murongorwe na Mpwemu Yera ni ho mutazoshitsa ivyo kamere k’icaha kanyu kipfuza.


Ariko mwebwe, Mpwemu Yera mwahawe na Kristo aguma muri mwebwe, ni co gituma mudakeneye umuntu wo kubigisha. Uwo Mpwemu arabigisha ivyo mukwiye kumenya vyose, kandi ivyo abigisha ni ivy’ukuri; nta binyoma birimwo. Nuko mugume muri Kristo, nk’uko Mpwemu yabigishije.


Ndabandikiye mwebwe bana bato, kuko muzi Data. Ndabandikiye mwebwe bavyeyi, kuko muzi Kristo yamyeho kuva mu ntango. Ndabandikiye mwebwe rwaruka, kuko mufise inkomezi, kandi ijambo ry’Imana rikaba mu mitima yanyu, ndetse mwaranesheje wa mubi.


Ijambo rya Kristo ribe muri mwebwe rigwiriye, mwigishanye kandi muhanurane mu bwenge bwose, muririmba amazaburi n’indirimbo n’amatazirano y’impwemu mushima Imana mu mitima yanyu.


Ndazi ko muri uruvyaro rwa Aburahamu. Ariko muriko murondera ingene mwonyica kuko ijambo ryanje ritagira ikibanza mu mitima yanyu.


Aba musi y’uburongozi bw’abarezi biwe n’abandi bizigirwa, gushika ku myaka se yagenye.


Nuko Yesu abwira Abayuda bari bamwizeye ati: “Ikizokwerekana ko muri abigishwa banje vy’ukuri ni ugushira mu ngiro inyigisho zanje.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite