Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 15:16 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Si mwebwe mwantoranije, ni jewe nabatoranije. Nabashizeho kugira ngo mugende mwame ivyamwa, kandi ivyamwa bihoraho, kugira ngo ico muzosaba Data cose mw’izina ryanje azokibahe.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Si mwebge mwantoranije, ariko ni jewe nabatoranije, nabashizeho kugira ngo mugende murāma imbuto, kandi ngw imbuto zanyu zigumeho, kugira ngw ico muzosaba Data cose mw izina ryanje, akibahe.

Gade chapit la Kopi




Yohana 15:16
57 Referans Kwoze  

Iyo muba ab’isi, yobakunze nk’abayo. Ariko ntimukiri ab’isi. Narabatoranije ndabakura muri yo, ni co gituma ibanka.


Kuko turi ibiremwa vy’Imana, yaturemye gusha muri Kristo Yesu kugira ngo dukore ibikorwa vyiza, ivyo yari yaraduteguriye gukora kuva kera.


Bukeye, akoranya abigishwa biwe bose, atoranyamwo cumi na babiri, abagira intumwa. Na bo ni aba:


Ariko kuva nkiri mu nda ya mama, Imana yari yarantoranije, impamagara mu buntu bwayo. Hanyuma vyayihimbaye


Twebwe dukunda kuko Imana yabanje kudukunda.


Maze aravuga ati: ‘Imana ya ba sogokuruza yagutoranirije kumenya ivyo igomba, kubona wa Mugororotsi, no kwumva ijwi ryiwe.


Kandi ivyo wanyumvanye hari ivyabona vyinshi, uzovyigishe abantu b’ukwizerwa, na bo bazoshobora kuvyigisha abandi.


Ibi sindabivuze kuri mwebwe mwese; kuko ndazi abo natoranije. Ariko ibi bishitsa Ivyanditswe bivuga ngo: ‘Uwo twasangiye ivyokurya vyanje, ni we yahindukiriye kungwanya.’


Yesu aca arababwira ati: “Sinabatoranije muri cumi na babiri? Ariko umwe muri mwebwe ni uwa Satani.”


Ahubwo mu mitima yanyu mwubahe Kristo nk’Umwami. Kandi igihe cose mwame mwiteguye kwishurana ubugwaneza no kwubaha umuntu wese ababajije ivyerekeye ivyizigiro vyanyu.


Icerekana urwo rukundo ni iki: si twebwe twakunze Imana, ahubwo ni yo yadukunze itanga umwana wayo nk’ikimazi kugira ngo duharirwe ivyaha vyacu.


Nuko barasenga, bavuga bati: “Ewe Mwami Imana, ni wewe uzi imitima y’abantu bose. None rero uwo utoranije muri aba babiri,


babonye ubugwaneza no kububaha bigaragara mu buzima bwanyu.


Kuko ivyanditswe kera vyose vyanditswe kugira ngo bitwigishe. Bidushoboza kwihangana, bikadutera n’intege kugira ngo dushobore kwizigira ko Imana izoshitsa ivyo yasezeranye.


Ariko Umwami Yesu yishura Ananiya ati: “Genda, kuko uwo Sawuli ari igikoresho natoranije kugira ngo amenyekanishe izina ryanje mu Banyamahanga n’abami babo, ndetse no mu bwoko bwa Isirayeli.


Nimwizera, ico muzosaba cose mu gusenga muzogihabwa.”


Kandi Imana yantoranirije kuba umuvuzi w’ubwo Butumwa Bwiza, nk’intumwa n’umwigisha.


Ivyo vyashitse kugira ngo bitubere akarorero ko kutuburira, twebwe abo mu gihe ca nyuma.


Mbega umubumvyi ntafise uburenganzira bwo kubumba mw’ibumba rimwe inkono ishobora gukoreshwa ivy’iteka, n’iyindi igenewe ibikorwa bisanzwe?


Kandi abaremesha amahoro bazobiba imbuto z’amahoro bimbure umwimbu witwa ubugororotsi.


Kubera ukwizera, Abeli yashikaniye Imana ikimazi cemewe na yo kurusha ica Kayini. Ukwo kwizera kwiwe kwatumye yemerwa n’Imana nk’umugororotsi, kuko Imana ubwayo yemeye ishikanwa ryiwe. Kandi ku bw’ukwizera kwiwe, naho yapfuye, aracavuga.


Icatumye ndagusiga i Kirete kwari kugira ngo utunganye ibitari bwatungane, wongere ugene abarongozi b’ishengero mu bisagara vyose nk’uko nari nabikweretse.


Ubwo Butumwa Bwiza bwabashikiriye ni na bwo buriko burakwiragira kw’isi yose. Buriko burama ivyamwa bwongera bugwira, nk’uko vyagenze no muri mwebwe uhereye igihe mwabwumviye ubwa mbere, mugatahura ubuntu bw’Imana nk’uko bumeze vy’ukuri.


Imana yangiriye ubuntu biciye muri we, impa kuba intumwa ku bw’icubahiro ciwe, kugira ngo nshobore gushikana Abanyamahanga ku kuyizera no kuyumvira.


Ntiyabonywe na bose, kiretse twebwe abo Imana yari yaratoranije nk’ivyabona, twasangiye na we amaze kuzuka mu bapfuye.


Ni co gituma natowe nk’umuvuzi w’ubwo Butumwa nkongera nkaba intumwa, kugira ngo nigishe Abanyamahanga ivy’ukwizera n’ivy’ukuri. Mvuze ukuri sindengeje urugero.


nimba vy’ukuri mwagumye mu kwizera, mushinzwe neza kandi mutanyiganyiga mu vyizigiro vyanyu biva mu Butumwa Bwiza. Ubwo ni bwo mwumvise kandi bwavuzwe mu vyaremwe vyose biri musi y’ijuru. Ubwo ni bwo jewe, Pawulo, nabereye umukozi.


Bene Data, nshaka ko mumenya ko nagerageje kenshi kuza kubaramutsa, ariko ko bitarankundira kugeza ubu. Ngomba gukorana namwe kugira ngo ndonke ivyamwa vyo mu buryo bw’impwemu, nk’uko maze kubibona mu bandi Banyamahanga.


Ariko muzohabwa ubushobozi Mpwemu Yera niyabazako; maze muzonshingira intahe i Yerusalemu, i Yudaya n’i Samariya hose, no gushika ku mpera z’isi.”


Musabe muzohabwa; murondere muzoronka; mudodore muzokwugururirwa.


Jewe ndi umuzabibu; namwe muri amashami. Nimwaguma muri jewe nanje nkaguma muri mwebwe, muzokwama ivyamwa vyinshi. Erega mutari kumwe nanje nta co mushobora gukora!


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite