Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 15:11 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Ibi ndabibabwiye kugira ngo umunezero wanje ube muri mwebwe, kandi umunezero wanyu wuzure.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Ivyo mbibabgiye, kugira ng’umunezero wanje ube muri mwebge, kandi n’umunezero wanyu wuzuzwe.

Gade chapit la Kopi




Yohana 15:11
21 Referans Kwoze  

Imana, yo itanga ivyizigiro, ibuzuze umunezero n’amahoro kuko muyizera, kugira ngo murushirize kwizigira amasezerano yayo mubishobojwe na Mpwemu Yera.


Data, ubu ndaje aho uri, ariko mvuze aya majambo nkiri mw’isi kugira ngo bagire umunezero wanje kandi bawugire wuzuye.


Gushika ubu nta kintu na kimwe murasaba mw’izina ryanje. Nimusabe muzohabwa, kugira ngo umunezero wanyu wuzure.


Ibi tuvyanditse kugira ngo umunezero wacu ube uwuzuye.


Uwo Yesu muramukunda naho mutigeze mumubona, kandi muramwizera naho mutamubona. Ni co gituma mwuzuye umunezero amajambo adashobora gusobanura,


Mfise vyinshi nshaka kubabwira, ariko sinshaka kubibandikira. Nizera ko nzobagendera tuvugana amaso mu yandi, kugira ngo umunezero wacu ube uwuzuye.


Ibi ndabibabwiye kugira ngo mugire amahoro muri jewe. Muri iyi si muzohagirira amarushwa menshi, ariko nimuhumure jewe naranesheje isi.”


Ariko ibi ntibisigura ko tugomba kubaremera tubabwira ngo mushire ukwizera kwanyu mu ngiro. Dushaka gukorera hamwe namwe kugira ngo umunezero wanyu wuzuzwe, kuko ukwizera kwanyu ni kwo kuzotuma mushikama.


Mwame munezerewe ibihe vyose


Vyari bikwiye ko tugira umusi mukuru tukanezerwa kuko umuvukanyi wawe yari yarapfuye none arazutse, yari yarazimiye none arazimurutse.’ ”


Kandi agitoye yohamagara ababanyi n’abagenzi bose, akababwira ati: ‘Nimuze tunezeranwe kuko natoye igiceri canje c’ifeza cari catakaye.’


Kandi kubera ivyo ndazi ntakekeranya ko nzokomeza kubaho, kugira ngo nkomeze kubafasha gukura no kwumva umunezero uva mu kwizera.


Ntimukaborerwe umuvinyu, kuko bijana abantu mu buhumbu. Ahubwo, mwuzure Mpwemu Yera,


Erega umugeni ni uw’umukwe. Ariko umugenzi ahagarikiye umukwe amuhagarara i ruhande akamwumviriza, akanezerwa no kwumva ijwi ryiwe. Uwo ni wo munezero wanje kandi uruzuye.


Kandi ayitoye yoyiterera ku rutugu anezerewe.


Hanyuma muzane n’impfizi ivyibushe muyibage, turye, tunezerwe,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite