Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 15:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Jewe ndi umuzabibu w’ukuri, Data na we ni we awitaho.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Jewe nd’umuzabibu w’ukuri, kandi Data ni nyene wo.

Gade chapit la Kopi




Yohana 15:1
28 Referans Kwoze  

kuko twempi dukorera Imana, namwe muri umurima w’Imana, muri inzu yayo.


Kuko umubiri wanje ni ico kurya c’ukuri n’amaraso yanje ni ico kunywa c’ukuri.


Ariko kandi iryo bwirizwa ni rishasha, kuko ukuri kwaryo kwabonekeye mu buzima bwa Kristo none kukaba kuriko kubonekera mu buzima bwanyu, kuko umwijima uriko urarengana kandi umuco w’ukuri uramaze kwaka.


Nuko Yesu atangura kubigisha akoresheje imigani. Arababwira ati: “Umuntu yateye imizabibu mw’itongo ryiwe, ararizitirira, yimba ikinogo co kuganiramwo imizabibu, yubaka n’umunara wo gucungererako urwo ruzabibu. Hanyuma azeza uwo murima abarimyi, afata urugendo rwa kure.


Umviriza uwundi mugani. Habaye umuntu yari afise itongo hanyuma aririmamwo imizabibu. Ararizitirira, yimba ahantu ho kuganira imizabibu, yubaka n’umunara wo gucungererako urwo ruzabibu. Hanyuma azeza uwo murima abarimyi, afata urugendo rwa kure.


Yesu arababwira ati: “Ndababwire ukuri, Mose si we yabahaye imikate ivuye mw’ijuru, ariko Data ni we yayibahaye, kandi ni we abaha umukate w’ukuri uvuye mw’ijuru.


Aca abacira uwu mugani ati: “Umuntu umwe yari afise igiti c’umusukoni giteye mu murima wiwe w’imizabibu. Umusi umwe aja kuraba ko hari icamwa yosangako, arabura.


Ubwami bw’ijuru bugereranywa n’umuntu yari afise umurima w’uruzabibu, hanyuma azinduka kare aja kurondera abakozi bamukorera muri uwo murima.


Umuco w’ukuri wakira umuntu wese wariko uraza mw’isi.


Ivyagezwe vyatanzwe biciye kuri Mose, ariko ubuntu n’ukuri twabihawe biciye muri Yesu Kristo.


Yesu arabishura ati: “Igiterwa cose Data wo mw’ijuru atateye kizorandurwa.


Ishami ryose ryo kuri jewe ritama ararica, ariko ishami ryose ryama ararituturira akarituganya kugira ngo rirushirize kwama.


Mwebwe abanyamahanga, mugereranywa n’amashami y’igiti c’umwelayo wo mw’ishamba, yatewe ku giti c’umwelayo wo mu murima. Mwasubiriye amwe mu mashami yaco yaciwe, muca musangira n’ayasigaye ingaburo iva mu mizi y’uwo mwelayo w’umurimano.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite