8 Filipo aramubwira ati: “Mwami, twereke Data, ivyo bizoba bikwiye.”
8 Filipo aramubgira, ati Mugenzi, twereke So, bizoba bihaye.
Ibi ndabibabwiye mu migani, ariko igihe kiraje aho ntazosubira kubigishiriza mu migani, ariko nzobabwira ivya Data ndabitomoye.
Harahiriwe abafise imitima itanduye, kuko bazobona Imana.
Natanayeli aramubaza ati: “Wamenye gute?” Yesu aramwishura ati: “Igihe wari wicaye musi y’igiti c’umusukoni, imbere yuko Filipo aguhamagara, nakubona.”