Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 14:24 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

24 Uwutankunda ntazoshira mu ngiro inyigisho zanje. Kandi aya majambo mwumva si ayo nigeneye; ariko ni aya Data yantumye.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 Ūtankunda ntiyitondera amajambo yanje, kand’ ijambo mwumva s’iryanje, ariko n’irya Data yantumye.

Gade chapit la Kopi




Yohana 14:24
19 Referans Kwoze  

Yesu arabishura ati: “Inyigisho ntanga si izanje, ziva ku wantumye.


Mbega ntiwizera ko ndi muri Data, Data na we akaba muri jewe? Amajambo ndababwira si ayo nigenera, ahubwo Data ambamwo ni we akorera muri jewe igikorwa ciwe.


Yesu arababwira ati: “Iyo Imana ija kuba ari yo So, mwari kunkunda, kuko naje hano ntumwe na yo. Sinaje nirungitse, ni Imana yantumye.


Yesu arababwira ati: “Ndababwire ukuri, Umwana nta co ashobora gukora acigeneye, ariko akora ico abonye Se akora gusa. Ico se akora, ni co n’Umwana akora.


Uwo Imana yatumye avuga amajambo y’Imana, kuko Imana imuha Mpwemu itamupimiye.


Nimwaba munkunda, nimushire mu ngiro amabwirizwa yanje.


kandi n’ijambo ryiwe ntiriguma muri mwebwe, kuko mutizera uwo yatumye.


Ndiko ndababwira ivyo nabonanye Data, ariko mwebwe mukurikiza ivyo mwigishijwe na so.”


Mfise vyinshi nobavugako kandi mfise vyinshi vyobatsindisha. Ariko mbwira ab’isi ivyo numvise uwantumye avuga gusa, kandi avuga ukuri.”


Nuko Yesu arababwira ati: “Nimwamara kumanika Umwana w’Umuntu ku musaraba ni ho muzomenya ko ndi uwo ndiko ndababwira, kandi ko ata co nkora nigeneye, ahubwo ko mvuga ivyo Data yanyigishije.


Yesu akiriko arigisha mu rusengero arasemerera ati: “Ni vyo muranzi, kandi murazi aho mva. Yamara sinaje mu bushobozi bwanje. Uwantumye ni umunyakuri, kandi ntimumuzi.


Yesu aramwishura ati: “Nimba ugomba kuba uwutunganye rwose, genda, ugurishe ivyo utunze vyose, maze amahera ukuyemwo uyahe aboro; ni ho uzoronka ubutunzi mw’ijuru. Hanyuma uce uza unkurikire.”


Ndakubwire ukuri, twebwe tuvuga ivyo tuzi, kandi dushingira intahe ivyo twabonye, ariko ntimwemera intahe yacu.


Ibi ndabibabwiye nkiri kumwe namwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite