Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 14:21 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Umuntu wese yakira amabwirizwa yanje akayashira mu ngiro, ni we ankunda. Kandi uwunkunda Data azomukunda. Nanje nzomukunda ndanamwiyereke.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Ūri n’ivyagezwe vyanje akavyitondera, uwo ni we ankunda, kand’ ūnkunda azokundwa na Data, nanje nzomukunda, kandi nzomwihishurira.

Gade chapit la Kopi




Yohana 14:21
43 Referans Kwoze  

Nimwaba munkunda, nimushire mu ngiro amabwirizwa yanje.


Kuko gukunda Imana ni ukwitondera amabwirizwa yayo, kandi amabwirizwa yayo ntaremeye,


Ariko umuntu wese yitondera ijambo ryiwe aba yerekanye ko akunda Imana n’umutima wiwe wose. Ico ni co kitwemeza ko turi muri we.


Uru rukundo mvuga rusigura kwitondera amabwirizwa y’Imana, kandi yadutegetse gukundana, nk’uko mwavyumvise kuva mu ntango.


Oya, Data ubwiwe asanzwe abakunda kuko mwankunze, mukizera ko naje ntumwe n’Imana.


Yesu aramwishura ati: “Ahubwo hahiriwe abumva ijambo ry’Imana bakarishira mu ngiro.”


Muzoba muri abakunzi banje nimwakora ivyo mbategeka.


Ehe mpagaze ku muryango ndiko ndadodora. Uwumva ijwi ryanje akugurura umuryango, ndinjira iwe dusangire.


Hahirwa abamesura amakanzu yabo, kuko bazohabwa uburenganzira bwo kurya ku giti c’ubugingo no kwinjira mw’irembo rya ca gisagara.


Imana yavuze iti: “Ahari umwijima nihabe umuco,” yatumye umuco wayo ukayangana mu mitima yacu kugira ngo turonke ugutahura ivy’ubwiza bw’Imana bukayanganira kuri Yesu Kristo.


Uwufise amatwi niyumve ico Mpwemu abwira amashengero. Uwuzonesha nzomuha kurya kuri manu yahishijwe. Nzomuha kandi ibuye ryera ryanditseko izina rishasha; ntawuzomenya iryo zina kiretse uwuzohabwa iryo buye.


jewe mbe muri bo, nawe ube muri jewe, aho ni ho bazoba umwe vy’ukuri, kugira ngo isi imenye ko wantumye kandi ko ubakunda nk’uko unkunda.


Nimurabe urukundo Data yadukunze kugeza aho atwita abana biwe! Kandi koko turi bo! Igituma ab’isi batazi ko turi abana n’Imana ni uko batayimenye.


Umwami wacu Yesu Kristo we nyene, n’Imana Data wa twese yadukunze, kandi hamwe n’ubuntu bwayo baduhe ukuremeshwa kw’ibihe bidashira n’ivyizigiro vyiza,


Azompesha icubahiro kuko azokwakira ivyanje akabibamenyesha.


Sinzobasiga nk’impfuvyi; nzoza aho muri.


Umwami Imana abane n’impwemu yawe. Ubuntu bubane namwe mwese.


Natwe abakuweko ico gitambara, tugaragaza ubwiza bw’Umwami wacu, kandi tukaba turiko turahindurwa ngo duse na we, tuva mu bwiza tuja mu bundi, na bwo bukaba buva ku Mwami wacu, na we akaba ari we Mpwemu.


mbona Umwami Yesu ambwira ati: ‘Ihute uve i Yerusalemu kuko abaho batazokwemera intahe unshingira.’


Ninginze Umwami Yesu incuro zitatu kugira ngo ayinkuremwo,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite