Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 13:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Ahejeje, afata amazi ayasuka mw’ibesani, atangura kwoza ibirenge vy’abigishwa biwe, abihanaguza ca gitambara yakenyera.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 araheza asuka amazi mu mubehe, atangura kwoza ibirenge vy’abigishwa, no kubihanaguza icambazo akenyeje.

Gade chapit la Kopi




Yohana 13:5
30 Referans Kwoze  

Aca ahindukira araba wa mugore, hanyuma abwira Simoni ati: “Wabonye uwu mugore? Aho ninjira mu nzu yawe ntiwampaye amazi yo kwoza ibirenge, ariko we yatotesheje ibirenge vyanje n’amosozi yiwe, abihanaguza imishatsi yiwe.


kandi akaba ashingirwa intahe ku bw’ibikorwa vyiwe vyiza nko kurera neza abana, kwakira abandi i muhira, kwoza ibirenge vy’abera, gufasha abari mu ngorane, ndetse akaba yariyeguriye gukora ibikorwa vyiza vy’ubwoko bwose.


Nca ndamwishura nti: “Nyakwubahwa, ni we wobimenya.” Aca avuga ati: “Aba ni abavuye muri rya hamwa rikomeye, bamesuye amakanzu yabo, bayezesha amaraso ya wa Mwagazi.


muze twegere aho Imana iri dufise imitima irimwo ukuri kandi tuyizeye ata gukekeranya, imitima yacu yogejwe igakurwamwo ibiyagiriza, n’imibiri yacu yogeshejwe amazi meza.


ngo arigire iryejejwe ritunganye, aryogesheje umwuhagiro w’amazi ari ryo Jambo ry’Imana.


Kandi bamwe muri mwebwe bari bameze nk’abo. Ariko mwarogejwe, murezwa, mwongera mwemerwa n’Imana nk’abagororotsi mw’izina ry’Umwami Yesu Kristo, mubihawe na Mpwemu w’Imana yacu.


None ni igiki kigutebeje? Va hasi ubatizwe, wambaze izina ryiwe, ubone kwozwa ivyaha vyawe.’


Uwo Yesu Kristo ni we yaje akiyerekana biciye mu kubatizwa mu mazi no mu gusesa amaraso yiwe ku musaraba; si amazi gusa, ni amazi n’amaraso. Kandi Mpwemu Yera ni we abishingira intahe, kuko Mpwemu ni ukuri.


Ariko nimba tugendera mu muco, nk’uko Imana na yo iri mu muco, aho tuba dufatanije, kandi amaraso ya Yesu, Umwana wayo, atwoza ivyaha vyose.


Umwe mu basoda acumita Yesu icumu mu rubavu, haseseka amaraso n’amazi.


apfukama i ruhande y’ibirenge vya Yesu arira, ajojotereza amosozi yiwe ku birenge vya Yesu, abihanaguza umushatsi wiwe, arabisomagura yongera abisiga ya mavuta.


no kuri Yesu Kristo we cabona co kwizigirwa, imfura mu bapfuye, umutware aganza abami bo kw’isi bose, bibane namwe. Icubahiro cose kibe ic’uwadukunze, akatubohora mu vyaha vyacu abanje gusesa amaraso yiwe.


Yesu aramwishura ati: “Uwumaze kwoga umubiri wose, aba akeneye kwoga ibirenge gusa, kuko umubiri wiwe wose uba usukuye. Mwebwe muratunganye naho atari mwese.”


Petero aramubwira ati: “Oya, wewe ntuzokwigera unyoza ibirenge!” Yesu aramwishura ati: “Ni ntakwoza ibirenge, nta co tuzoba duhuriyeko.”


Ashikiriye Simoni Petero, Petero aramubwira ati: “Mwami, ni wewe ugira unyoze ibirenge!”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite