Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 13:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Nuko arahaguruka ava ku meza, akura umutamana wiwe, afata igitambara co kwihanaguza aragikenyera.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 ava hasi mw irīro, akūra umutamana, yābīra icambazo, arakenyera;

Gade chapit la Kopi




Yohana 13:4
9 Referans Kwoze  

Kuko muzi ubuntu bw’Umwami wacu Yesu Kristo, ko n’aho yari umutunzi wa vyose, yigize umukene ku bwanyu kugira ngo mu bukene bwiwe mube abatunzi.


Mbega hagati y’uwuri ku meza afungura n’umukozi amutegurira imfungurwa ni nde mukuru? Mbega si uwicaye ku meza? Ariko jewe ndi hano muri mwebwe nk’uwubakorera.


Hahiriwe abo bakozi shebuja azosanga bagiteramye bamurindiriye. Ndababwije ukuri ko na we azokenyera akabicarika, hanyuma akabagaburira.


Ni nde muri mwebwe, afise umukozi, yohengera avuye kurima canke kuragira, akamubwira ati: ‘Kaze ku meza dufungure’?


Mbega ntaca avuga ati: ‘Ntegurira imfungurwa, hanyuma wambare neza ungaburire, ninaheza gufungura na we uraheza ufungure’?


Ahejeje kuboza ibirenge, aca yambara wa mutamana wiwe asubira mu cicaro ciwe. Arababaza ati: “Muratahuye ico ndabakoreye?


Ubu ni bwo butumwa twumvise kuva mu ntago: dukundane.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite