35 Nimwakundana, bose bazomenya ko muri abigishwa banje.”
35 Ni mwagiriranira urukundo, ni ho bose bazomenya ko mur’ abigishwa banje.
Umuntu wese akunda mwene Data wundi agendera mu muco, kandi nta kintu na kimwe muri we cotuma atsitara.
Ndabasengeye ngo bose babe umwe; nk’uko wewe Data uri muri jewe nanje nkaba muri wewe, nibabe umwe muri twebwe, kugira ngo isi yizere ko wantumye.
Ariko umuntu wese yitondera ijambo ryiwe aba yerekanye ko akunda Imana n’umutima wiwe wose. Ico ni co kitwemeza ko turi muri we.
Ubu na ho ga mupfasoni, sindakwandikiye ibwirizwa rishasha, ahubwo ndakwandikiye kimwe twakira kuva mu ntango: ko dukwiye gukundana.