Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 13:15 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Ndaberetse akarorero kugira ngo namwe mukore nk’uko nabakoreye.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Kuko mbahaye akarorero, kugira ngo nk’uko jewe mbagiriye, abe ari ko namwe mugira.

Gade chapit la Kopi




Yohana 13:15
7 Referans Kwoze  

Mwakire umutwaro wanje hanyuma munyigireko kuko ndi umugwaneza kandi nicishije bugufi mu mutima, namwe muzoronka uburuhukiro bw’imitima yanyu.


Umuntu wese avuga ko aba muri Kristo akwiye kubaho nk’uko na we yabayeho.


Kuko, Imana yabahamagariye gukora ivyiza, mbere no mu gihe ivyo bishobora kubashikana mu mibabaro, nk’uko Kristo na we yababajwe ku bwanyu. Ni we citegererezo canyu kandi mutegerezwa kumwigana.


kandi mugendere mu nzira y’urukundo, nk’uko Kristo yadukunze akitanga ku bwacu ngo abe ubumote bwiza n’ikimazi bihabwa Imana.


Imana, yo iduha kwihangana ikadutera intege, ibahe guhuza umutima n’inama nk’uko bibereye abakurikira Kristo Yesu,


Ntimutwaze umukazo abo bantu mwahawe kurongora, ariko mubere akarorero ubwo busho.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite