Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 13:11 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Yesu yari azi uwugiye kumugurisha, ni co gituma yavuze ko batari batunganye bose.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Kuko yar’ azi ūzomugura uw’ ari we; ni co catumye avuga, ati Ntimukeye mwese.

Gade chapit la Kopi




Yohana 13:11
9 Referans Kwoze  

Yesu aramwishura ati: “Ni uwo nza gukoreza umukate mw’isahani nkawumuha.” Yesu ahejeje kuwukoza mw’isahani awuha Yuda, mwene Simoni Isikariyote.


Yesu ahejeje kuvuga ayo majambo, agira uruhagarara mu mutima wiwe, maze ashinga intahe avuga ati: “Ndababwire ukuri, umwe muri mwebwe agiye kungurisha.”


Ibi sindabivuze kuri mwebwe mwese; kuko ndazi abo natoranije. Ariko ibi bishitsa Ivyanditswe bivuga ngo: ‘Uwo twasangiye ivyokurya vyanje, ni we yahindukiriye kungwanya.’


Nuko ku mugoroba w’uwo musi, Yesu asangira n’abigishwa biwe, kandi Satani yari yamaze gushira muri Yuda, mwene Simoni Isikariyote, iciyumviro co kugurisha Yesu.


Ntiyari akeneye ko bamubwira uko umuntu ameze, kuko yari azi ibiri mu mutima w’umuntu wese.


Nkiri kumwe na bo, nabazigamiye mu bushobozi bw’izina ryawe, rimwe wampa. Narabarinze kandi nta n’umwe muri bo yazimiye kiretse umwe yategerezwa kuranduka kugira ngo Ivyanditswe bishike.


Maze, kuko Yesu yari azi ibigiye kumushikira, arabegera arababaza ati: “Murondera nde?”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite