Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 13:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Yesu aramwishura ati: “Uwumaze kwoga umubiri wose, aba akeneye kwoga ibirenge gusa, kuko umubiri wiwe wose uba usukuye. Mwebwe muratunganye naho atari mwese.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Yesu aramubgira, at’ Uwari yiyuhagiye nta kindi agomba, atar’ ukwoga ibirenge, kukw aba akeye umubiri wose: namwe murakeye, ariko si mwese.

Gade chapit la Kopi




Yohana 13:10
23 Referans Kwoze  

Mwebwe muramaze gutungana kubera ijambo nababwiye.


Kuko uwuri muri Kristo Yesu aba abaye icaremwe gishasha, ivya kera biba biheze, ibishasha biba bishitse.


None rero bene Data, ko dufise ayo masezerano, nimuze twiyeze, twiyambure ivyonona imitima n’imibiri yacu vyose. Turondere ukwezwa kuvuye ku kwubaha no gutinya Imana.


Imana yahinduye icaha uwutigeze acumura ku neza yacu, kugira ngo muri we ducike ukugororoka kw’Imana.


Nk’uko bisanzwe, twese dukora ibibi mu buryo bwinshi. Nihaba hariho umuntu adacumura mu kuvuga kwiwe, uwo ni umuntu atunganye, ashobora no kuzigama umubiri wiwe wose.


Vyari ivyokurya no kunywa gusa n’imigenzo itandukanye yo kwiyuhagira. Yari amategeko yo ku mubiri gusa kugeza igihe ibintu vyari bigiye guhinduka.


Imana yo nyene, yo Mana y’amahoro, ibandanye ibeza; kandi impwemu, imishaha n’imibiri vyanyu bizosangwe bitagira agasembwa ku musi w’ukuza kw’Umwami wacu Yesu Kristo.


Uduharire ivyaha vyacu, nk’uko natwe duharira abaducumuyeko.


Simoni Petero na we ati: “Mwami, nimba ari uko rero ntunyoze ibirenge gusa, unyoze n’ibiganza n’umutwe na vyo.”


Ibi sindabivuze kuri mwebwe mwese; kuko ndazi abo natoranije. Ariko ibi bishitsa Ivyanditswe bivuga ngo: ‘Uwo twasangiye ivyokurya vyanje, ni we yahindukiriye kungwanya.’


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite