Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 12:47 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

47 Jewe sincira urubanza umuntu yumva amajambo yanje ntayashire mu ngiro. Kuko sinaje gucira isi urubanza, ahubwo naje gukiza isi.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

47 Ariko ni hagira uwumva amajambo yanje, ntayazigame, si jewe ndamucirakw iteka; kuko ntāzanywe no gucirakw iteka isi, ariko nazanywe no gukiza isi.

Gade chapit la Kopi




Yohana 12:47
13 Referans Kwoze  

Erega Imana ntiyatumye Umwana wayo kw’isi gucira urubanza abari kw’isi, ahubwo yamutumye kugira ngo ibakize biciye muri we.


Ariko uwutanyakiriye akanka n’amajambo yanje azotsindwa n’urubanza; amajambo nababwiye ni yo azomutsindisha ku musi wa nyuma.


Vyongeye, twariboneye kandi turashinga intahe ko Data yarungitse Umwana wiwe kugira ngo abe Umukiza w’isi.


Umwana w’Umuntu yazanywe no kurondera hamwe no gukiza abazimiye.”


Ariko ntimwibaze ko ari jewe nzobagiriza imbere ya Data. Uwubagiriza ni Mose, uwo mwizigiye.


kuko n’Umwana w’Umuntu ntiyazanywe no gukorerwa, ahubwo yazanwe no gukorera abandi no gutanga ubuzima bwiwe ngo bube incungu ya benshi.”


Mumenye ko ukwihangana kw’Umwami wacu ari agakiza, nk’uko umuvukanyi dukunda Pawulo na we yabibandikiye akoresheje ubwenge yahawe n’Imana.


Mfise vyinshi nobavugako kandi mfise vyinshi vyobatsindisha. Ariko mbwira ab’isi ivyo numvise uwantumye avuga gusa, kandi avuga ukuri.”


Mwirinde ntimugakengere umuntu n’umwe muri aba bato, kuko ndababwira yuko abamarayika babo bama bahanze amaso Data wo mw’ijuru. [


Nuko baca baja mu yindi mihana.


Kuko Umwana w’Umuntu yazanywe no gukiza abazimiye.]


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite