Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 12:34 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

34 Ba bantu isinzi baramwishura bati: “Ivyagezwe bitubwira ko Kristo azokwamaho. None uvuze uti: ‘Umwana w’Umuntu azomanikwa hejuru’? Uwo ‘Mwana w’Umuntu’ ni nde?”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

34 Ishengero riramwishura, riti Twebge twumvise mu vyagezwe ko Kristo azohorah’ ibihe bidashira. Non’ uvuze ute ng’ Umwana w’umuntu akwiye kumanikwa? Mbeg’ uwo Mwana w’umuntu ni nde?

Gade chapit la Kopi




Yohana 12:34
26 Referans Kwoze  

Ni ukuri, nk’uko icaha c’umuntu umwe, ari we Adamu, cazaniye abantu bose gutsindwa n’urubanza, ni ko n’igikorwa kimwe co kugororoka ca Yesu cazaniye abantu bose kwemerwa n’Imana nk’abagororotsi no kuronka ubugingo.


Noneho turazi ko ivyo ivyagezwe vyigisha biraba abaganzwa na vyo, kugira ngo ntihagire uwuronka ico yireguza kandi isi yose iboneke ko ikwiye gutsindwa n’urubanza rw’Imana.


Ibi bishitsa ivyanditswe mu Vyagezwe vyabo bivuga ngo: ‘Banyanse ata co bampoye.’


Kandi ninamara kumanikwa hejuru y’isi, nzokwiyegeranirizako abantu bose.”


Yesu arabishura ati: “Mbega mu vyagezwe vyanyu, ntihanditswe ko Imana yavuze iti: ‘Navuze ko muri imana’?


Yesu yinjiye i Yerusalemu, mu gisagara cose haba uruhagarara. Abantu bakaja barabazanya bati: “Uwo ni nde?”


Yesu ashitse i Kayisariya mu bwami bwa Filipo, abaza abigishwa biwe ati: “Mbega abantu bavuga ko jewe Umwana w’Umuntu ndi nde?”


Yesu aramwishura ati: “Imbwebwe zirafise imyobo zibamwo n’inyoni zo mu kirere zirafise ivyari, ariko Umwana w’Umuntu ntagira n’aho akika umusaya.”


Nuko Yesu arababwira ati: “Nimwamara kumanika Umwana w’Umuntu ku musaraba ni ho muzomenya ko ndi uwo ndiko ndababwira, kandi ko ata co nkora nigeneye, ahubwo ko mvuga ivyo Data yanyigishije.


Ariko Yesu we ni umuherezi ibihe vyose kuko ahoraho.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite