Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 12:29 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

29 Abantu benshi bari ngaho bumvise iryo jwi, bavuga ko ari umuturagaro, abandi na bo ngo ni umumarayika yavuganye na we.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

29 Ishengero rihagazeho rivyumvise, riti N’umuturagaro. Abandi bati N’umumarayika avuganye na we.

Gade chapit la Kopi




Yohana 12:29
12 Referans Kwoze  

Nca numva ijwi rivuye mw’ijuru risamirana nk’amazi y’isumo rinini, kandi rivuga nk’umuturagaro uteye ubwoba. Iryo jwi numvise ryari rimeze nk’iry’abacuraranzi bacuraranga inanga.


Maze urusengero rw’Imana mw’ijuru ruca ruruguruka, kandi muri rwo habonekamwo isandugu y’isezerano. Nuko haca haba imiravyo, humvikana urwamo n’imituragaro, haba nyamugigima n’imvura y’urubura ikomeye.


Wa mumarayika aca afata kimwe co gutuririramwo ibimota neza, acuzuza umuriro wo ku gicaniro, agiterera hasi; haca humvikana urwamo rw’imituragaro, imiravyo na nyamugigima.


Ngize gutya, mbona wa Mwagazi amena ica mbere muri bimwe indwi bimatanije wa muzingo w’igitabu. Nca numva kimwe muri vya binyabugingo kivuze n’ijwi nk’iry’inkuba giti: “Ingo!”


Abari kumwe na Sawuli bahagarara bumiwe, kuko bumva ijwi ariko batabona uwuvuga.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite