Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 12:23 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Yesu arabishura ati: “Igihe kirashitse Umwana w’Umuntu ahabwe icubahiro ciwe.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Yesu arabishura, at’ Igihe kirageze c’uk’ Umwana w’umuntu ahabga ubgiza bgiwe.

Gade chapit la Kopi




Yohana 12:23
16 Referans Kwoze  

Agarutse aho bari ubugira gatatu, arababaza ati: “Mbega n’ubu muracasinziriye, muriruhukiye? Ehe, isaha irageze, Umwana w’Umuntu agira atangwe mu maboko y’abanyavyaha.


Aho Umwana w’Umuntu azozira, ari mu bwiza bwiwe, ari kumwe n’abamarayika biwe, azokwicara ku ntebe yiwe y’inganji.


Abigishwa ntibatahuye ubwo nyene ibiriko biraba. Ariko Yesu amaze kwinjira mu bwiza bwiwe, ni ho bibuka ko ivyo bamukoreye vyari vyaranditswe kuri we.


Agarutse aho abigishwa biwe bari, ababwira ati: “Mbega muracasinziriye, muriruhukiye? Ehe, isaha irageze, Umwana w’Umuntu agira atangwe mu maboko y’abanyavyaha.


Nuko yigira imbere, yubama hasi arasenga asaba ngo iyo saha imurengane.


Aho Yesu yashaka kuvuga kuri Mpwemu Yera, uwo abamwizera bari bagiye guhabwa. Gushika ico gihe Mpwemu Yera ntiyari bwatangwe, kuko Yesu atari bwashike mu bwiza bwiwe.


Mfise uruhagarara mu mutima, mbega mvuge nti: ‘Data, nkiza iyi saha’? Ariko iki ni co canzanye, iki gihe ni co canzanye.


Buca ari Umusi mukuru wa Pasika, Yesu yari azi ko igihe ciwe co kuva mw’isi ngo asubire kwa Se cashitse. Yari yarakunze abiwe bari mw’isi, kandi yarabakunze gushika ku mwanya wa nyuma.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite